Uko wahagera

Mu Burundi, Abaganga Biyemeje Gusubira ku Kazi


Abarongoye amasendika y’abaganga SIMEBU na SYMEGB basohoye itangazo rimenyesha ko biyemeje gusubira ku kazi, inyuma y'amezi hafi ane bari bamaze bahagarika akazi.

Mu kiganiro, Pierre Claver Hajayandi, atwara sendika SIMEBU, yashikirije abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 25 ry’uku kwezi kwa gatanu, yavuze ko mu nama yakoranije abaganga bose bahurikiye mu masendika SIMEBU na SIMEGB, bafashe ingingo yo gusubira kuvura abagwayi, ariko bagasaba ko imishahara yahagaritswe ku baganga bahagaritse akazi yotangwa.

Mu rwandiko rwahawe abamenyeshamakuru, abaganga bisigura bavuga ko ingingo yafashwe ku neza y'abantu bagwaye, baguye mu ''mporero z’ukudadaza kwa reta n'abaganga''. Ariko iyo ngingo yafashwe mu gihe reta iherutse gutangaza ko atabiganiro izosubira kugirana n'abaganga. Reta yisigura ivuga ko yadugije imishahara y'abaganga ibice ijana na mirongo itanu kw’ijana, mu gihe abaganga basaba ko umushahara w'umuganga utaja musi y’umuriyoni w'amafaranga y’amarundi.

Impande zose nti zashoboye kwumvikana. Mu mpera z'indwi irangiye, abahuza bagerageza kubumvikanisha bamenyesheje ko bahagaritse igikorwa c’ubuhuza bari bajejwe. Ariko bagiye batanze impanuro z’uko impande zose zoshira imbere ineza y'abantu bagwaye. Abagize intwaro mu Burundi batangaje kuri radiyo y'igihugu ko ico kibazo c'abaganga bagishinze Inama nshingamateka. Barongeye baragabisha, bavuga ko abaganga batarasubira ku murimo wabo bashobora gukurwa mu kazi.

XS
SM
MD
LG