Uko wahagera

Ingwara Yandukira Abantu Ivuye mu Ngurube (Swine Flu)


Icaduka c’ingwara yandukira abantu ivuye mu ngurube kirateye umutima uhagaze amakungu. Umugera w’iyo ngwara imeze nk’ingwara y’agahiri, watanguye kwiyadukiza mu bihugu vya Mexique, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada. Gushika ubu, mu gihugu ca Mexique hari abantu 159 bakekwa ko bamaze guhitanwa n’iyo ngwara, mu gihe abashika 1300 bagwariye mu bitaro, bafise ibimenyetso vyerekana ko boba baranduye uwo mugera.

Umugera w’iyo ngwara uguma ukwiragira, nti uri mu bihugu vya Bulaya na Amerika gusa, ushobora kuba umaze gushika no muri Afrika, bikaba bikenewe kumenya ibibazo bimwe bimwe abantu bashobora kwibaza kur’iyo ngwara n’inyishu zitangwa.

Ikibazo: Iyo ngwara imeze gute? Yandukira gute

Inyishu: Iyo ngwara iterwa n'umugera wandukira abantu uvuye mu ngurube, kandi ushobora gukwiragira, uva mu muntu uja mu wundi. Iyo ngwara yandukira iyo umuntu ayigwaye yitsamuye arikwo kwasamura, iyo akoroye, canke iyo aramukije uwundi muntu atayigwaye. Ariko naho iyo ngwara yandukira ivuye mu ngurube, abarongoye ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu n’abaganga bavugako kurya inyama z’ingurube bidatuma umuntu yandura iyo ngwara

Ikibazo: Iyo ngwara yandukira ivuye mu ngurube ko ifata nk’ingwara y’agahiri itandukaniye he n’agahiri gasanzwe?

Inyishu: Iyo ngwara itangura nk’agahiri gasanzwe, ariko mu nyuma umuntu agatangura kuribwa mu mitsi, akababara mu muhogo, akongera agakorora. Iyo ngwara imaze gukomera gose, uwuyigwaye atangura kuyogwa, no gucibwamwo. Ababikurikirana bavuga ko iyo ngwara ikarira cane cane abageze mu zabukuru hamwe n'abana.

Muri kahise, mu 1968, iyo ngwara yaradutse ihitana abantu bagera ku muliyoni. Imbere yaho mu 1918, ngo yahitanye hagati y’imiliyoni 40 n’imiliyoni 100 kw’isi hose. Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rirahumuriza mu kumenyesha ko mur’iki gihe bidashobora kumera nk’uko vyabaye muri kahise kuko ibihugu vyateye imbere, ubu bikaba bifise uburyo, kandi vyiteguriye kugwanya ico kiza.

Ikibazo: Amakungu ariko akora iki mu mugambi wo guhagarika ico caduka?

Inyishu: Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko bigerageza gutora urucadago. Abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu bavuga ko abakozi b’iryo shirahamwe barikanuye, kandi ko bafise imiti ihagije igwanya imigera imwe bita anti-virus, bashobora kwifashisha kugira ngo babuze ico caduka gukwiragira.

Mu bihugu iyo ngwara imaze kwadukamwo, impanuro batanga n’uko abantu boreka gukoranira mu kibanza kimwe ari benshi, bakirinda kuramukanya, gusomana, no kugwana mu nda. Bahanura abantu kandi gukaraba igihe cose bikenewe kandi kenshi, no kudasangira ibifungurwa kw’isahani imwe.

Q&A/Fidele Niyongabo/Dr. Norbert Ntiruhungwa. Ku vyerekeye abamaze kwandura umugera w’iyo ngwara, babakoraniriza mu kibanza kimwe aho batabonana n’abatarandura.
Ku bindi bibazo vyerekeye iyo ngwara, umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, Fidele Niyongabo, yaraganiriye na Muganga Norbert Ntiruhungwa amubwira ico avyiyumvirako:

XS
SM
MD
LG