Uko wahagera

Ikibazo c’Imishahara y’Abaganga mu Burundi


Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, yarahebuje abaganga babandanya gusaba ko imishahara yabo yongerezwa. Mu gihe hagiye guhera hafi amezi abiri abaganga bahagaritse akazi, basaba ko bohembwa imishahara yisununuye, Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, aherutse gutangaza ko abaganga badashobora kuronka ivyo basaba, kubera ubukene bw'amafaranga.

Mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ingwara ya Malariya, vyabaye kw’igenekerezo rya 25 ry’uku kwezi kwa kane, Prezida Nkurunziza yatangaje ko abaganga bariko basaba umuzi w'ibuye. Muri ivyo birori vyabereye muri komine Shombo, mu ntara ya Karusi, Prezida Nkurunziza yabwiye isinzi ry'abantu bari bahari, ko abaganga bategerezwa kumenya ko ibice birenga mirongo itanu kw'ijana vy'amafaranga reta ikoresha ku mwaka bitangwa n'abafasha igihugu. Yavuze ko abaganga badakwiye kugereranya Uburundi na Reta Nzunze Ubumwe za Amerika, Kenya canke Urwanda".

Perezida Nkurunziza yaragabishe abaganga, avuga ko bashobora kubura imishahara bahora baronka, mu gihe bobandanya guhagarika akazi. Yavuze kandi ko hari n’ibihano bishobora gufatirwa abazobandanya kwanka gusubira ku mirimo yabo. Ariko nti yatomoye neza ivyo bihano ivyar’ivyo. Mw'ijambo yashikirije, umukuru w'igihugu yasiguye ko gusaba kudugirizwa imishahara vyumvikana, ariko akemeza ko mu guhagarika akazi abaganga bahemutse ku ndahiro barahiye igihe barangiza amashure. Yarongeye avuga ko bashobora kubazwa abantu bazopfa kubera kubura ababavura, kandi abibijejwe bibereye muhira.

Iryo jambo ry'umukuru w’igihugu ku vyerekeye abaganga bahagaritse akazi rije mu gihe abaganga bahurikiye mu masendika SYMEBU na SIMEJEB baherutse kugabisha, bavuga ko ku musi wa gatatu igenekerezo rya 29 z’uku kwezi bashobora guhagarika na vya bikorwa bibayabaye, bimwe bita "service minimum” m’ururimi rw’igifransa. Abaganga basaba ko n'imiburiburi, abaganga babinonosoye bamaze imyaka myinshi bakora, boronswa umushahara utari musi y'amadorari igihumbi, mu gihe mu biganiro bimaze amezi atatu, reta yemeye gushika ku madorari amajana atanu gusa.



XS
SM
MD
LG