Uko wahagera

Ikurwa rya ba Musitanteri mu Burundi 


Abasitanteri mirongo itanu n'umunani barakuwe mu kazi mu Burundi, kandi ngo kenshi na kenshi bakuwe ata amategeko yisunzwe. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, ari kumwe n'abajejwe kwubahiriza intwaro ibereye, no gucungera amahoro mu biro vy'uwuserukira ONU mu Burundi, yakoranije inama kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa kane i Bujumbura inama yihweza ikibazo ca ba musitanteri birukanwa. Iyo nama yatumiwemwo ba buramatari, ba musitanteri n'abagize inama mpanuzwajambo ya komine.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yaraneguye imbere y'abajejwe intwaro mu ntara no mu makomine ingene ba musitanteri bakuwe. Mw'ijambo ryo kwugurura iyo nama, umushikiranganji Nduwimana yerekanye ko ibiharuro bafise mu bushikiranganji bimenyesha ko mu myaka ine irangiye hamaze gukurwa abasitanteri mirongo itanu n'umunani. Batanu muri bo ngo bakuriwe rimwe mu mezi atatu arangiye. Umushikiranganji Nduwimana yemeza ko kenshi na kenshi abasitanteri bakurwa kubera ishari canke umwikeko. Yasavye ko ivyo bintu vyohagarara, kandi ko imbere yo gukura musitanteri hobanza hakaba amatohozwa akwiye.

Abajejwe intwaro mu makomine no mu ntara bazomara imisi ibiri baca irya n’ino ikibazo c'ikurwa ry'abasitanteri, hanyuma batange ivyiyumviro vyotuma ata ngorane zisubira kuba m’ubuyobozi bw'amakomine. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, avuga ko amakomine adashobora gutera imbere, mu gihe abayarongoye bagiye barakurwa ata gihe bamaze. Ibiro vy'uwuserukira ONU mu Burundi, mu gisata kijejwe amahoro n'intwaro ibereye biriko birafasha mur'ico gikorwa gifise intumbero yo kwigisha gutwara ku neza n'iterambere ry'abanyagihugu, biciye mu gukomeza ukwizerana hagati y'abatwara n'abatwagwa.

Icagaragaye n’uko abasitanteri batari bake bakuwe n'abagize inama mpanuzwajambo ya komine, babagiriza gusesagura amatungo ya komine. Ubugenduzi bwo m’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bumaze gushira ahagaragara ko abagize inama mpanuzwajambo ya komine batwarira ku mwikeko n'ishari. Ariko kandi ngo hari n'abasitanteri berekanye ko bafise akageso ko gutunga ningoga bikoze ku bigega vya komine. Mu kiganiro Therence Mbonabuca umuyobozi mwishikira m’ubushikiranganji bujejwe intaro yo hagati mu gihugu yashikirije, yatanze akaroreko ku musitanteri atadomyeko urutoke, yagenywe kuba musitanteri wa komine Bukeye, agaca aheba kurya inyama y'impene, akijukira gufata inyama zo mu makopo azishozako umuvinyu. Mbonabuca yasozereye avuga kw’ivyo abanyagihugu baba babibona.

Abasitanteri bemeza ko bakuwe bidaciye mu mategeko baramaze kwitura ubutungane. Mu gihe izo manza zocibwa, abitwaye bagatsinda, zishobora gutuma reta itakaza amafaranga menshi y’indishi.


XS
SM
MD
LG