Uko wahagera

Urwego Rujejwe Amatora mu Burundi


Abajewe gutunganya amatora mu Burundi barahiye imbere y'umukuru w'igihugu. Abagize umugwi ujejwe gutegura amatora, abakenyezi babiri n'abagabo batatu, barahiye imbere y'umukuru w'igihugu, imbere y’inama nshingamateka n’inama nkenguzamateka, ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 8, ukwezi kwa kane, umwaka wi 2009. Bemeje ko bagiye kurangura igikorwa bashinzwe bisunze amategeko, ataguhengama, ku neza y'abarundi.

Pierre Claver Ndayicariye agiye kurongora uwo mugwi, yabwiye abamenyeshamakuru ko ikiringo gisigaye ari gito ugereranije n'igikorwa kibarindiriye, ariko ngo bagiye gukora uko bashoboye kwose kugira ngo amatora yo mu 2010 azogende neza.

Abo bantu batanu ngo bari bamaze gutera intambwe mu gikorwabagiye gushingwa, mu gutegura amategeko ngenderwako agenga umugwi ujejwe amatora. Abanyeporitike bari bamaze imisi bidoga ko uwo mugwi watevye gutangura. Igikorwa co kuwushinga carateye impari nyinshi mu banyamigambwe. Abatavuga rumwe na reta bagiriza umukuru w'igihugu ko atagisha inama abandi mu kugena umugwi w’abantu bazoba bajejwe igikorwa co kuringaniza amatora, kuyacungera, no gutangaza ivyavuyemwo.

Abajejwe gutunganya amatora mu Burundi barahiye mu gihe reta yatanguje urugamba rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye amatora, na cane cane ku nyifato y'abajejwe ico gikorwa n'ababikurikirana.

Ibirori vyitabwe n’abaserukiye reta, imigambwe, amashirahamwe yigenga n'abamenyeshamakuru, tutibagiye abahinga bavuye mu gihugu ca Kenya, baje guterera ivyiyumviro vyofasha kugira ngo amatora yo mu 2010 mu Burundi ntazobemwo ingorane nk'izabaye muri Kenya na Zimbabwe.

XS
SM
MD
LG