Ikoraniro Kaminuza ry'abakuru bakuru mu barongoye umugambwe CNDD FDD ryatunganijwe kur'uwu w'Imana mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi yagenye Jeremie Ngengakumana ngo abandanye atwara CNDD FDD mu kiringo c'imyaka itatu.
Abitavye iryo koraniro bagizwe n'abanywanyi bari mu bibanza bashizwemwo n'umukuru w'igihugu n'abatwara umugambwe mu ntara n'urwego nyobozi rw'umugambwe bagenye kandi Daniel Gelase Ndabirabe ngo abe umunyamabanga mukuru w'umugambwe, umupfasoni Denise Sindokotse yashinzwe amabanga yo kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD FDD uri k'ubutegetsi kuva mu 2005.
Umugwizatunga w'umunyarwanda Silas Majambere amaze imisi afitaniye imigenderanire myiza n'abatetsi yari mu batumire b'iteka mur'iiryo koraniro kaminuza ryo mu Kayanza. Uwo mugwizatunga aherutse kuronswa ihoteri Saga Resha yo mu Rumonge n'ibibanza vyinshi i Bujumbura n'i Bugarama aho avuga ko agiye kuharangurira imigambi y'iterambere.
Iryo koraniro kaminuza ryari ryagiye ririgizwa inyuma inkuru zavugwa n'abegereye CNDD FDD ariko zitemezwa n'ababijejwe zavuga ko iryo koraniye bitoroshe kuritunganya kubera ko ryategerezwa kwemeza ugiye guserukira umugambwe mu matora yo 2010 mu gihe bose batahuriza kuri perezida Petero Nkurunziza. Imbere y'iryo koraniro kaminuza abanywanyi bari batumiwe bahuriye i Ngozi ahafatiwe ingingo zindi zitarabwirwa abamenyeshamakuru batari barekuriwe kwegera ahabera inama. Abegereye uwo mugambwe bavuga ko perezida Petero Nkurunziza yagenywe ngo aserukire CNDD FDD mu matora y'i 2010.