Uko wahagera

Ibiturire mu Mabohero yo mu Burundi


Abanyororo basabwa amafaranga kugira bakurwe mu mabohero. Mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi, abajejwe intwaro baremeza ko abanyororo basaba abapfunzwe bashasha ngo barihe amahera y'urwinjizo, abatayatanze bagahabwa ibihano bikomeye.

Itegeko ryanshinzwe n'abanyororo bamaze imyaka myinshi bapfunzwe riherutse gusubirwamwo n'abo banyororo, mu busho butandukanye buri mu makomine agize intara ya Cibitoke. Ivyo bikemezwa na bamwe mu baciye mu gasho n'abegereye ahapfungiwe abo bantu. Amafaranga bita aya '' buji'' yavuye ku bihumbi bitanu aja ku bihumbi mirongo itatu na bitanu. Abarekuwe batanze ayo mafaranga bavuga ko abayasaba bisigura bavuga ko ibintu vyose vyaduze ibiciro.

Buramatari w’intara ya Cibitoke, Zephirin Barutwanayo, n'abajejwe agateka ka zina muntu mu Cibitoke, baranegura iryo tegeko ariko kurihindura ngo nti vyoroshe kubera ko bisaba kubana n'abo bapfungwa. Abanyororo basigura ko ayo mafaranga afasha gufungura abadafise ababagemurira. Mu busho bwo mu Cibitoke havugwa abanyororo benshi, n'ubwo ata bitigiri bitomoye bizwi neza, kubera ko ata bohero ry’ukuri riri mur'iyo ntara. Pierre Claver Mbonimpa atwara APRODH, ishirahamwe rikurikirana ivyerekeye abanyororo n'agateka ka zina muntu, avuga ko inyishu y’ico kibazo ari ukwubaka ibohero rinini, ryotuma bashobora gutadukanya abanyororo bigenza nabi n'abigenza neza.

XS
SM
MD
LG