Uko wahagera

Ingwara y'Igituntu mu Burundi


Mu gihe amakungu aherutse guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ingwara y'igituntu, kw’igenekerezo rya 24, ukwezi kwa gatatu, ibiharuru bitangazwa vyerekana ko iyo ngwara ibangamiye amagara y'abantu mu Burundi.

Mu Gatumba habereye ibirori vyo guhimbaza uwo musi wa hariwe kugwanya igituntu, uwurongoye umugambi w'igihugu ujejwe kugwanya ingwara y'igituntu, muganga Donatien Nkurunziza, yatangaje ko, mu mwaka w'i 2008, igitigiri c’abagwaye igituntu cagarukiye mu bihumbi bitandatu n'amajana umunani na mirongo itandatu n'umunani. Ariko ngo ico gitigiri gishobora kuba kirenga, kubera ko benshi mu bandura iyo ngwar a bataja kuyipimisha kwa muganga.

Ibitigiri vyerekana ko igice ca kabiri c'abapimwe kandi batowe ko bagwaye iyo ngwara, basanze bagwaye igituntu candukira. Abarenga ibice mirongo itandatu kw'ijana nabo ngo nti babandanije gufata imiti. Ishami mpuzamakungu rijejwe kwitaho amagara y'abantu kw'isi OMS risaba ko abipimisha igituntu bategerezwa gushika mirongo irindwi kw'ijana, ariko mu Burundi nti bashika n’ibice mirongo itanu kw'ijana. Ivyo bikaba vyemezwa n'abajejwe kwitaho amagara y'abantu mu Burundi.

Muganga Donatien Nkurunziza avuga ko kuva mu mwaka w’i 2008, reta y’Uburundi imaze gutunganya ibikorwa biboneka mu mugambi wo kugwanya igituntu: ibigo ijana na mirongo itandatu n'umunani bipima iyo ngwara, n’ibindi ijana na mirongo itatu na bine bivura igituntu, mu gihe ikigo kimwe gusa co mu Kibumbu arico gipima kikongera kikavura abagwaye igituntu.

Insiguro abajejwe amagara y'abantu batanga ku bitigiri bitera vyiyongera, ngo n'inzara hamwe n'ikiza ca SIDA. Abajejwe ubuvuzi basaba abajejwe intwaro guhimiriza abanyagihugu ngo bipimishe, bongere bagwanye ubukene hamwe n'ikiza SIDA.
XS
SM
MD
LG