Uko wahagera

Urwaruka n’Inkino mu Bihugu Bivuga Igifransa


I Bujumbura m’Uburundi hakoraniye inama y’abashikirangaji bajewe urwaruka n’inkino b’ibihugu 42 bivuga ururimi rw’Igifransa. Iyo nama bise CONFEJES mu pfunyapfunyo, izomara imisi ibiri, kandi igira iya 32 ibaye kuva iryo shirahamwe ritangura.

Inama igitangura, iryo shirahamwe ryarashikirije abaserukira ibihugu vya Chad na Cameroon, agashimwe k’amadolari ashika ibihumbi bitatu y’abanyamerika, kubera ko bitwararitse kurusha abandi imigambi y’iterambere ry’urwaruka. Iyo nama igiye kwihweza ivyaranguwe mu myaka ibiri irangiye, yongere yemeze imigambi izorangurwa mu myaka ibiri iri imbere.

Mu bisanzwe, igihugu cakiriye inama nkuru nico gica kigenwa ngo kirongore inama nshingwabikorwa ya CONFEJES. Mw’ijambo umushikiraganji, Jean Jacques Nyenimigabo, arongoye io nama yashikirije, yavuze ko umugambi urwaruka rutegerezwa gushimikirako ari ukurondera amahoro, imbere yo kugwanya ubukene no kwijukira iterambere. Iyo nama ibaye mu gihe ubukene bw’akazi mu rwaruka ari ikibazo kibagamiye cane cane abahejeje amashure mu Burundi. Inkuru dukesha Leon Masengo

XS
SM
MD
LG