Uko wahagera

Umugambwe FRODEBU Uragabishwa.


Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Edouard Nduwimana mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur'uwu wa gatatu mu biro iwe yagirije umugambwe Sahwanya FRODEBU ko uri mu bikorwa vyo kwiyamamaza kandi ikiringo kitaragera.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana asigura ko ku magenekerezo ya cumi na kane na cumi na gatandatu mu ntara ya Muyinga mu buraruko bw'Uburundi umukuru w'umugambwe Leonce Ngendakumana ari kumwe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye azoserukira Frodebu mu matoro yimirije bakoresheje Inama y'abanyagihugu bitarekuwe n'amategeko.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati asigura ko amajambo yakoreshejwe mur'iyo nama artyoza iyindi migambwe akagabisha FRODEBU n'iyindi migambwe mu misi iri imbere. Amasanamu ariko ibicapo vya Domitien Ndayizeye ngo vyaratanzwe. Umugambwe uzosubira kwiyamamaza ata ruhusha ruratangwa ngo uzohanwa hisunzwe amategeko.
Amategeko agenga amatora yo mu 2010 ntarasohoka, Umushikiranganji Edouard Nduwimana asigura ko bisunga amategeko yo mu matora yo mu 2005.

Pancrace Cimpaye avugira umugambwe FRODEBU asigura ko umugambwe uri k'ubutegetsi ufise ubwoba bw'uwuzoserukira FRODEBU mu matora yo mu 2010 ati ukwiyamamaza navyo vyobazwa cane cane umugambwe CNDD FDD kuko hirya no hino mu gihugu nk'uko Pancrace abivuga ngo urwaruka bita Imbonerakure za CNDD FDD n'abanywanyi baguma bagira imyiyerekano.


XS
SM
MD
LG