Uko wahagera

Jean Claude Kavumbagu Yambitswe Izera


Jean Claude Kavumbagu atwara Net Press yambitswe izera. Inyuma y'amezi atandatu yaramaze mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, umumenyeshamakuru Jean Claude Kavumbagu arongoye ikinyamakuru Net Press yambitswe izera.

Urubanza rwari rugiye kumara imisi mirongo itandatu itegekanijwe n'amategeko mu mwiherero. Uwumuburanira Gabriel Sinarinzi arashima urubanza ariko aranegura uburyo rwagiye rurikwega akabandanya kuvuga ko Jean Claude Kavumbagu ico kiringo cose yamaze mu munyororo yapfungiwe ubusa ngo ni naco gituma agiye kwitwarira reta mu gusaba indishi y'akababaro adatomora neza iyo ariyo canke ingana.

Jean Claude Kavumbagu apfunguwe inyuma y'inzandiko nyinshi, amajambo n'amatangazo y'ishirahamwe ry'abanyaburaya, abakurikirana ivy'agateka ka zina muntu na bagenzi we b'abamenyeshamakuru vyose vyasaba ko abapfungiwe ivy'iyumviro vyabo n'ivyaporitike barekurwa.

Jean Claude Kavumbagu yapfunzwe yagirizwa kuba yatanze inkuru itariyo. Inkuru yamushikanye mw'ibohero yavuga ko perezida w'Uburundi Petero Nkurunziza yatwaye amafaranga imiriyoni ibihumbi ijana mu rugendo yagize mu gihugu c'Ubushinwa igihe c'inkino mpuzamakungu zo kunonora imisi. Umunyamabanga mukuru wa reta Philippe Nzobonariba yitwariye Net Press yavuze ko inkuru yagirije ico kinyamakuru kuba catanze inkuru y'ububeshi ati perezida yatwaye imiriyoni mirongo itanu z'amafaranga y'amarundi.

XS
SM
MD
LG