Uko wahagera

Abagwanyi ba FNL mu Bibanza Bitegekanijwe 


Abagwanyi b’umuhari FNL barabandanya kuja mu bibanza bitegekanijwe. Ku musi wa mbere, igenekerezo rya 16 ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2009, abagwanyi b'umuhari FNL baraye barajanwa ahitwa Rubira mu ntara ya Bubanza. Amakamyo yo mu gwego gwa gisirikare, n'ayandi y'ishirahamwe ry'ubumwe bw’ibihugu vya buraya niyo yafashije mur'ico gikorwa co gushikana aho i Rubira abagwanyi b’umuhari FNL barenga ibihumbi bitatu n'amajana atanu.

Abo bagwanyi babwiye Ijwi rya Amerika ko mur’iryo joro baraye baranyagirwa n'imvura, kubera ko ata nyubakwa zo kwakira abo bagwanyi ba Rwasa Agathon zategekanijwe. Mu gitondo co ku musi wa kabiri igenekerezo rya 17, ukwezi kwa gatatu, niho bazindutse barahabwa ibikoresho bigizwe n'uburengeti, imisegetera, amasabuni, n'ibindi bikoresho vy'isuku.

Mu bagwanyi bakoranirijwe hamwe, harimwo abigeme bashika ijana n'abana batashimye kutubwira neza igitigiri. Ishirahamwe UNICEF ngo ririko rirakorana n'umuhari FNL, kugira ngo abo bana bajanywe ku rugamba bataragera barekurwe, hanyuma batangure guhabwa inyigisho zerekeye imyuga, ugusoma n'ukwandika.

Imbere y'uko abagwanyi ba FNL bakigwa aho i Rubira, babanje kwakwa ibigwanisho> Abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika nibo bandika ibibaranga vyose, imbere y'uko bahabwa ikibazo co kumenya neza ko ari abagwanyi vy’ukuri. Ivyo bikorwa bibaye inyuma y'urugendo umuhuza Charles Nkakula yagize i Bujumbura mu mpera z'indwi irangiye, aho yasavye impande zose kugira ishaka rirushirije mu gushira mu ngiro amasezerano amaze imyaka ibiri irenga yemejwe. Uwo muhuza yasavye ko ibibazo vyose bitunganywa bikava mu nzira, umuhari FNL ukemererwa kuba umugamwe imbere y'igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa kane kwimirije.

XS
SM
MD
LG