Cheik Ahmed Sharif, umukuru w’imfatakibanza w'igihugu ca Somalia, yatanguye urugendo rw'imisi ibiri mu Burundi kw’igenekerezo rya 10, ukwezi kwa gatatu, umwaka wi 2009. Muri urwo rugendo, yaherekejwe n'abashikiranganji batanu mu bagize reta yiwe.
Ku kibuga c'indege ca Bujumbura perezida Cheik Ahmed Sharif yakiriwe na mugenzi we w'Uburundi Petero Nkurunziza, ari kumwe n'abashikiranganji, abategetsi bakomeye bo mu rwego rwa gisirikare, hamwe n'abarongoye idini rya Islam mu Burundi.
Acururuka indege, umukuru w'igihugu ca Somalia yabwiye abamenyeshamakuru ko aje gushimira Abarundi ku gikorwa bariko bararangura mu gihugu ciwe, co guhagararira amahoro. Yavuze ko aje kandi kubahoza, kubera ko baherutse kubura abasirikare cumi na babiri baguye mu gitero c'intagondwa ziyitirira idini rya Islam muri Somalia, n’abandi basirikare batatu bari mu barongoye inteko ziri muri Somalia, baguye mw'isanganya ry'indege, i Entebe mu gihugu c’Ubuganda.
Perezida w'Uburundi na Perezida wa Somalia bamenyesheje bose ko bagiye kuronka akaryo ko kuganira ku vyerekeye igikorwa co guhagararira amahoro muri Somalia no gukomeza ubucuti hagati y’ibihugu vyabo. Perezida Petero Nkurunziza yasubiye kwiyemeza kugumiza abasirikare biwe muri Somalia. Ariko yarongeye amenyesha ko ibiganiro ku vyerekeye ico gikorwa bibandanya hagati y'ababijejwe bose, barimwo ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe ONU. Ivyo biganiro bisaba ko abasoda b'Abarundi bari muri Somalia baronswa ivyangombwa bibafasha kurangura neza akazi barungitswemwo n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Africa.
Uburundi n’Ubuganda bifise abasirikare ibihumbi bitatu muri Somalia. Uburundi bumaze kubura abasoda mirongo ibiri. Igihugu ca Somalia kimaze imyaka irenga cumi n'umunani kirangwamwo umudugararo utegwa n'utugwi tw'indagondwa.
Mu kwezi kwa kabiri guheze, niho reta irongowe na Cheik Ahmed Sharif yanshingwa, kandi yarahiriye mu gihugu kibanyi ca Djibouti. Imaze indwi zitatu itahutse muri Somalia.