Uko wahagera

Igenwa ry'Abajejwe Amatora mu Burundi


Umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza aherutse gutangaza itegeko rigenga igenwa n'igikorwa c'abajejwe amatora. Iryo tegeko rishasha ritomora ingene abajejwe amatora yo mu 2010, mu ntara no mu ma komine bazogenwa, n'uburyo ingingo zifatwa n'abarongoye urwego rw'igihugu rujejwe amatora zemezwa.

Iryo tegeko ry'umukuru w'igihugu ryashizweko umukono kw'igenekerezo rya 20 ukwezi kwa kabiri, rivuga ko abajejwe amatoro mu ntara bagenwa n'abarongoye urwego rw'igihugu rujejwe amatora, Abajejwe amatora mu ma komine nabo bakagenwa n'abakurikirana amatora mu ntara. Ingingo nazo zifatwa mur'urwo rwego kugira zemezwe, zitegerezwa kwemezwa na bane kuri batanu mu bagize urwego rutunganya amatora.

Iryo tegeko rije gukura impari zari hagati y'abanyamigambwe batavuga rumwe n'ubutegetsi. Abanyeporitike baraneguye itegeko ry'umukuru w'igihugu ryo kw'igenekerezo rya 12 ukwezi kwa cumu na kabiri 2008 ryavuga ko abajejwe amatora mu ntara bagenwa n'umukuru w'igihugu. Insiguro abiyamiriza iryo tegeko batanga, ngo n'uko abo bantu batoba bigenga, bagahava bakorana ubwoba bw’uko bashobora gukurwa n'umukuru w'igihugu, nawe nyene avugwa ko azokwitoza ku gatwe k'umugambwe CNDD-FDD.

Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bari basavye ko impande zose zumvikana ku vyerekeye amatora yimirije, abantu bayatunganya bakagira ubwigenge buhagije. Imigambwe yose irashima kubona umukuru w'igihugu yaremeye guhindura itageko ryo ku wa 12 Kigarama.

Umugambwe FRODEBU niwo umaze gushikiriza uwuzowuserukira mu matora yo mu 2010. Uwo nawe akaba ari uwahoze atwara Uburundi mu kiringo mfatakibanza, Domitien Ndayizeye. Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi utegekanya gushikiriza uwuzowuserukira mur'ayo matora mu mpera z'iyi ndwi, kandi Perezida Petero Nkurunziza niwe avugwa cane.


XS
SM
MD
LG