Uko wahagera

Abanyamahanga Barabandaya Kwirukanwa mu Burundi


Urwego rw’igipolisi mu Burundi rurabandanya kwirukana abanyamahanga. Abanyarwanda mirongo indwi n'icenda, n'abanye Congo mirongo ine baba muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, ihana urubibe n'ibihugu vy’Urwanda na Congo Iharanira Demokarasi, barirukanywe mu gitondo co ku musi wa gatatu, igenekerezo rya cumi na rimwe mu mwaka wi 2009.

Abaporisi bo mu ntara ya Cibitoke, bafadikanije n'abavuye i Bujumbura, bazindutse basaka muri karitiye bita Rugombo mu Cibitoke, barondera abanyamahanga badafise ibibaranga n'impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Abafashwe baciye barungikwa mu bihugu baturukamwo. David Nikiza, ajejwe urwego rw'igiporisi mur'ako karere, yavuze ko ico gikorwa kizobandanya.

Haheze amezi ambiri ico gikorwa co kurondera abanyamahanga baba mu Burundi batabifitiye uburenganzi caratanguye. Abirukanwa kenshi na kenshi basiga ibintu vyabo inyuma, kuko birukanwa batategujwe.

Mu birukanywe, harimwo abanyamahanga bavukiye mu Burundi ariko batavuga neza Ikirundi kandi batigeze basaba ubwenegihugu, canke ngo barondere impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi.

XS
SM
MD
LG