Uko wahagera

Imfashanyo y’Ibanki y’Isi Yose mu Burundi


Reta y'Uburundi iherutse kuronka imfashanyo y’Ibanki y'Isi Yose. Iyo banki yahaye Uburundi imfashanyo y'imiriyoni mirongo itatu na zitanu z'amadorari y'Abanyamerika. Ayo mafaranga agenewe gufasha mu bisata vyo gutumatumanako amakuru no kugwanya ikiza Sida.

Imiriyoni zibiri z'amadorari zigenewe guteza imbere uburyo bwo gutumatumanako amakuru hakoreshejwe ubuhinga bugezweko bwa internet, umugambi bise" Burundi Backbone system: BBs". Ibikorwa bigiye gutangura mur'uwu mwaka mu ntara zose z'igihugu. Umushikiranganji, Philippe Njoni, ajejwe imigambi yo gumatumatumanako amakuru no gutwara ibintu n'abantu, asigura ko uwo mugambi uzofasha cane mu vyerekeye intwaro, kuko intara zose zizoba ziri ku murongo umwe n'ubuzi bwo mu bushikiranganji bwose.

Kugira ngo raporo zishikire abategetsi mu Burundi, zimara imisi myinshi mu zira. Uwo mugambi ushigikiwe n'Ibanki y'isi yose uzotuma izo raporo zishikira abo zigenewe zidatevye. Abanyagihugu nabo bakoresha ubuhinga bwa internet bazokworoherwa kubera ko bizokworoha n'ibiciro bikagabanuka.

Ibanki y'isi yose iherutse kandi guha Uburndi imiriyoni cumi na zitanu z'amadorari y'Abanyamerika ni ukuvuga hafi imiriyaridi cumi n'umunani z'amafaranga y’amarundi, agenewe gukoreshwa mu mugambi wo kugwanya ikiza Sida. Ayo mafaranga ategekanywa kuzokoreshwa mu kiringo c'imyaka itatu, mu kugura imiti yo gufasha bagwaye, no kubafasha gushinga amashirahamwe y'iterambere.

XS
SM
MD
LG