Uko wahagera

Ikibazo c’Umurwi Ujejwe Amatora mu Burundi


Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, aherutse gusaba ko hakorana inama y'abashingamateka idasanzwe, mu mugambi wo kwemeza amazina y'abagize urwego rw'igihugu rujejwe amatora. Ariko imigambwe itavuga rumwe na reta yariyamirije iyo nama.

Umukuru w'umugambwe FRODEBU, Leonce Ngendakumana, yavuga ko hakenewe ko abanyeporitike bose boja hamwe bakumvikana ku mategeko azogenga amatora yo mu bihumbi bibiri na cumi. Aloys Rubuka atwara umugambwe UPRONA asaba na we nyene ko umukuru w'igihugu atanguza ibiganiro vyihweza amategeko azokwisungwa mu matora yimirije. Rubuka yagiriza umukuru w'igihugu ko yumviriza umugambwe wiwe akima amatwi abandi.

Iyo migambwe ibiri ivuga ko ifise amakenga y'uko abazogenwa bazoba ari abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi gusa, bakazokwisunga amabwire n'amategeko y'umugambwe uri ku butegetsi. Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n'abarongoye amashirahamwe ategamiye reta nabo nyene baramaze kumenyesha amakenga bafise kw'igenwa ry'uwo mugwi, bagasaba ko ico gikorwa cokwitonderwa. Amatora yo mu mwaka w'i 2010 azoba abaye ayambere atunganijwe mu Burundi ata mugwi urwanya reta uvugwa.

Ku wa kabiri igenekerezo rya 20, ukwezi kwa mbere, abakenguzamateka baritavye inama yasabwe na Perezida Nkurunziza. Ariko ku bashingamateka mirongo ine na batandatu bitavye, mirongo ibiri n'umunani nibo bashigikiye urutonde rw'amazina yatanzwe n'umukuru w'igihugu, cumi n'umunani nabo batavuga rumwe na reta barayiyamirizje. Bisiguye bavuga ko iyindi migambwe itumvirijwe mu gutora abantu bazotegura amatora, bakayakurikirana, hanyuma bakazoshikiriza ibizoba vyavuyemwo.

Mu namashingamateka, ingorane zabaye n'uko abashingamateka b'imigambwe FRODEBU,UPRONA na CNDD, itavuga rumwe na reta, banse kwinjira mu nyubakwa y'amakoraniro, bituma haboneka abashingamateka mirongo itandatu na batandatu gusa, kandi hari hakenewe abashingamateka mirongo indwi n'icenda, igitigiri gituma ingingo iy'ariyo yose yemezwa. Haba mu bashingamateka canke mu bakenguzamateka, insiguro itangwa n'abiyamirije urwo rutonde rwashikirijwe, ngo n'uko ata mibonano canke ibiganiro vyabaye imbere yo gutora ayo mazina, bigatuma badashobora kwizera abantu bagenywe n'umukuru w'igihugu, yumvikanye n'umugambwe wiwe gusa.

XS
SM
MD
LG