Uko wahagera

Barack Obama,  Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika


Barack Obama yaraye abaye Presida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ibirori vyo kumushikiriza ubutegetsi vyabereye imbere y'inyubakwa y'Inama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo birori vyitabwe n'isinzi ry'abantu bavuye imihigo y'isi yose barega umuliyoni, bari basidukanye n'iyonka baje kumukeza. Ku rutonde rw'aba Prezida bagiye barabisikanya ku ntwaro ya Amerika, Barack Obama abaye Presida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agira uwa 44. Ariko, abaye Prezida wa mbere w'umwirabure atowe ngo arongore iki gihugu.

Mw'ijamb yashikirije abanyamerika n'amakungu, Prezida Obama yavuze ko yinjiye mu nyubakwa y'umukuru w'igihugu "Maison Blanche" mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziri mu ngorane zitagira uko zivugwa, zigizwe n'ingwano, n'ubutunzi bucumbagira. Avuga ko izo ngorane zatewe n'abategetsi bamwe bamwe batitayeho bikwiye amabanga bajejwe, n'ingene abantu batoye batisunze ingingo zitegura kazoza keza k'igihugu. Prezida Obama yasozereye ijambo ryiwe asaba abanyamerika ngo bafate nkama amabanga bajejwe, mu mugambi wo kugerageza gutorera umuti ingorane zitoroshe zihanze igihugu.

Presida Obama avuka kuri se wiwe w'umunya Kenya na nyina wiwe umuzungu w'umunyamerika. Afise imyaka 47 y'amavuko, akaba yubakanye n'umutambukanyi wiwe, Michelle Obama. Bavyaranye abana b'abigeme babiri

XS
SM
MD
LG