Ishirahamwe riharanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, APRODH, rivuga ko ivyerekeye agateka ka muntu bitateye imbere mu Bururndi. Raporo iheruka gutangazwa n'iryo shirahamwe rikurikirana ivyerekeye iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n'agateka k’abanyororo yerekana ko agateka ka zina muntu katateye imbere mu Burundi mu mwaka w'i 2008.
Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe APRODH, Pierre Claver Mbonimpa, yahaye abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icumi na kabiri, umwaka wi 2008, yavuze ko mur’uyu mwaka ubwicanyi, ugufata abakenyezi ku nguvu no kutubahiriza uburenganzira bw'ikiremwa umuntu mu bijanye no gushikiriza ico umuntu yiyumvira, vyagiye biriyongera.
Umukuru wa APRODH asigura ko ingorane nyinshi zaturutse ku butungane budakora neza, bwatumye ivyaha vyerekeye ityozwa ry'agateka ka zina muntu bidahanwa. Inyuma y'ingingo umukuru w'igihugu yafashe, mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka wi 2007, yo gutezurira abanyoro bamwe bamwe, mur’iki gihe abanyororo bapfunzwe baharungwa mu bihumbi cumi, mu gihe mu ntango z'umwaka bari ibihumbi bine. Pierre Claver Mbonimpa avuga ko mu bihumbi cumi bapfunzwe benshi ngo bapfungiwe ubusa, abandi nabo ngo nti batunganirizwa neza.
Ishirahamwe APRODH riranegura cane ipfungwa ry'abamenyeshamakuru, abanyeporitike n'abarongoye amashirahamwe y'abakozi bita sendika. Inamanshingamateka y’Uburundi iherutse kwemeza itegeko rifuta igihano co kwicwa, ivyo bikaba vyarashimishije cane abajejwe ivyerekeye iyubahirizwa ry’agateka ka muntu.