Uko wahagera

Perezida Yoweri Museveni mu Burundi


Perezida Museveni aherutse kugira urugendo rw'amahoro mu Burundi. Umukuru w'igihugu c'Uburundi ari kumwe na mugenzi we w’igihugu c’Ubuganda, Yoweri Museveni, batanguje urugendo rw'amahoro mu Burundi kw’igenekerezo rya gatandatu, mur’uku kwezi kw’icumi na kabiri. Urwo rugendo rugizwe n'ihiganwa ryo kwiruka ibirometero mirongo ine na bibiri.

Urwo rugendo rwitiriwe amahoro, rwatunganijwe na reta y’Uburundi, kandi rwitabwe n'ibihugu bitari bike. Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n'abahinga ba karuhariwe mu vyo kunonora imitsi, bavuye mu bihugu bitandukanye, barimwo n’umufaransakazi azwi cane mu vyo kunonora imitsi, Marie Josee Perrec. Uwo mufaransakazi yabwiye abamenyeshamakuru ko yifadikanije n'Abarundi ngo kuko ataworeka guterera agacumu k’ubumwe abarondera amahoro.

Udushimwe dutandukanye twarahawe ababaye mu bambere. Benshi muribo ni Abanya Rwanda n'Abanya Kenya. Mw'ijambo Muganga Yves Sahinguvu icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c’Uburundi yashikirije, akaba ari nawe yatanze utwo dushimwe, yasiguye avuga ko inkino n'amahiganwa nk'ayo afasha mu gukumira amacakubiri ayo ariyo yose. Yarongeye amenyesha ko Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu mugambi wo kugarukana amahoro.

Perezida w’Ubuganda, Yoweri Museveni, yatanguje urwo rugendo n'ayandi mahiganwa, asozereye ibikorwa vy'inama y'abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini yarangiye ku musi wa kaneigenekerezo rya kane, ukwezi kw’icumi na kabiri. Inyuma y'ivyo bikorwa, umuhari Palipehutu-FNL wiyemeje guhindura izina nk'uko ubisabwa, ntubandanye wiyitirira ubwoko. Reta y'Uburundi nayo yiyemeje guha uwo muhari ibibanza mirongo itatu na bitatu mu nzego z’igihugu. Impande zose ziyemeje gushira mu ngiro imbere y'uko uwu mwaka uranga, amasezero amaze imyaka ibiri yemejwe.

Perezida Yoweri Museveni yarangije urugendo rwiwe rw'imisi itatu mu Burundi ku musi wa gatandatu. Imbere y'uko atahuka, yabanje kugendera komine ya Rumonge, aho yaganiriye n'abanyagihu ku vyerekeye amahoro n'iterambere. Yarashitse no ku kibanza cakira ingenzi bita Saga Resha. Imbere yo kwurira indege Perezida Museveni yabariye Abarundi ko ibigwanisho atakibanza bigifise, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu.

XS
SM
MD
LG