Uko wahagera

Ubusuma n’Ikibazo c’Ubutungane mu Burundi


Abasuma bitwaje ibigwanisho barishe abana babiri mw'ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri, kw'ibarabara rya cumi na kabiri, muri komine Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura.

Abo basuma bateye ku muhana basaba umukenyezi terefone yiwe yo muntoke. Uwo mukenyezi yaranse kuyibaha baca bamwereka inkoho. Amaze kubona iyo koho yaciye abaha iyo telephone, ariko abakurikiza induru atabaza. Abana babiri bagiye kuraba ibiriko biraba bahuriranye n'abo basuma nabo babakiriza amasusu. Umwe yapfiriye aho nyene uwundi yitaba Imana ashitse kwa muganga.

Mur'iryo joro nyene abandi basuma bitwaje ibigwanisho bateye abantu bari bagandaye kw'i barabara rya cumi na gatatu, babiba terefone zo mu ntoke, ariko nta muntu yishwe. Abanyagihugu bavuga ko mu gihe atacokogwa bazohitamwo kwihanira ivyo bisuma bo nyene. Abo banyagihugu bavuga ko batacizera abaporisi canke abajejwe intwaro, ngo kuko umusuma afashwe aca arekurwa

Abanyagihugu baganiriye na radiyo Ijwi rya Amerika bafise ishavu ryinshi, basavye ko abajejwe umutekano bongerezwa. Basavye kandi ko amatara yo ku mabarabara yongerezwa kuko abasuma bikinga umwijima.

Musitanteri wa komine Cibitoke, Eric Masumbuko, asigura ko igikenewe ari ugushira mu ngiro umugambi wo gukura ibigwanisho mu banyagihugu. Asaba abanyagihugu kutihanira, ko ahubwo bakwiye kwitura inyamiramabi, hanyuma bakerekana ivyagiriza uwafashwe. Musitanteri Eric Masumbuko asaba kandi abanyagihugu gukomeza kwirarira.


XS
SM
MD
LG