Alexis
Sinduhije, umukuru w'umuhari MSD yararengukijwe imbere ya sentare nkuru i
Bujumbura. Sinduhije n’abamuburanira bariyamirije abacamanza bashinzwe urwo
rubanza.
Intahe yo kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icumi na rimwe nti yamaze iminota
irenga cumi, kubera ko abacamanza baburanya Sinduhije baciye bihagurukira,
bamaze kwumva ko batizewe. Insiguro ababuranira Alexis Sinduhuje batanze mu
kwanka abacamanza ngo n'uko badafise ubumenyi bukwiye, kandi ngo bakaba ari
abanywanyi b'umugambwe uri k'ubutegetsi CNDD-FDD.
Imbere y'uko urubanza rutangura abaporisi bari bakikuje inyubakwa y'ubutungane,
babuza abantu kwegera ahabera urubanza. Abanywanyi bane b'umuhari MSD bashatse
kudadaza barafashwe, abandi nabo baraterwa imyuka ibabaza mu maso kugira ngo
bigigwe inyuma. Abamenyeshamakuru n'incuti za hafi za Sinduhije nibo bonyene
barekuriwe gukurikirana urubanza.
Alexis Sinduhije amaze imisi mirongo ibiri n'itandatu apfunzwe. Yagirizwa
gutuka umukuru w'igihugu. Abamuburanira bavuga ko apfungiwe ivya poritike,
kubera ivyiyumviro vyiwe biteye kubiri n'ubutegetsi. Alexis Sinduhije arongoye
umuhari MSD uriko urasaba kuba umugambwe.