Uko wahagera

Alexis Sinduhije Yariyamirije Abamuburanya


Alexis Sinduhije, umukuru w'umuhari MSD yararengukijwe imbere ya sentare nkuru i Bujumbura. Sinduhije n’abamuburanira bariyamirije abacamanza bashinzwe urwo rubanza.

Intahe yo kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kw’icumi na rimwe nti yamaze iminota irenga cumi, kubera ko abacamanza baburanya Sinduhije baciye bihagurukira, bamaze kwumva ko batizewe. Insiguro ababuranira Alexis Sinduhuje batanze mu kwanka abacamanza ngo n'uko badafise ubumenyi bukwiye, kandi ngo bakaba ari abanywanyi b'umugambwe uri k'ubutegetsi CNDD-FDD.

Imbere y'uko urubanza rutangura abaporisi bari bakikuje inyubakwa y'ubutungane, babuza abantu kwegera ahabera urubanza. Abanywanyi bane b'umuhari MSD bashatse kudadaza barafashwe, abandi nabo baraterwa imyuka ibabaza mu maso kugira ngo bigigwe inyuma. Abamenyeshamakuru n'incuti za hafi za Sinduhije nibo bonyene barekuriwe gukurikirana urubanza.

Alexis Sinduhije amaze imisi mirongo ibiri n'itandatu apfunzwe. Yagirizwa gutuka umukuru w'igihugu. Abamuburanira bavuga ko apfungiwe ivya poritike, kubera ivyiyumviro vyiwe biteye kubiri n'ubutegetsi. Alexis Sinduhije arongoye umuhari MSD uriko urasaba kuba umugambwe.

XS
SM
MD
LG