Uko wahagera

Abakozi Bajejwe Ubuvuzi Bahagaritse Akazi


Abantu bagwaye bari bari bakeneye kwivuza mu bitaro bitandukanye vyo mu Burundi nti borohewe kuva kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kw’icumi na rimwe. Uwo musi, abakozi bo mu buvuzi bazindutse bitaba akamo ko guhagarika akazi katewe n'amashirahamwe yabo.

Mu gisagara ca Bujumbura, ibitaro bikomeye nka Roi Khaled mu Kamenge, Prince Regent Charles, na Clinique Prince Louis Rwagasore, nti vyakiriye abagwaye uko bisanzwe. Abaforoma bari biyicari mu ntebe imbere y'aho bakorera, baraba uruja n’uruza rw’abagwayi. Abaganga bo nti biriwe baratonda ku kazi. Abantu bagwaye baganiriye n'Ijwi rya Amerika, bavugana ishavu ryishi, cane cane abakenyezi bari baje kuvuza abana. Basaba reta n'abavuzi kwumvikana.

Abantu bagwaye bamwe bamwe bavuga ko n'ibikorwa bibayabaye bitakorwa, ariko Pacific Karibwami atwara sendika SYNAPA, akaba akora ku bitaro Prince Regent Charles, yaremeje ko abaremvye bakiriwe. Uko twabibonye kuri Clinic Prince Louis Rwagasore, abaremvye bakirwa bigoranye, kandi n'abagwaye bafise abo bazinanyi mu bavura barakiriwe.

Ihagarikwa ry'akazi ku bakozi bo mu buvuzi si bishasha. Abarongoye amashirahamwe y'abo bakozi bavuga ko reta idakurikiza amasezerano bagiraniye mu mwaka w’i 2004. Amategeko adasanzwe basavye, nk'uko bayita, bavuga ko ari ngombwa ku bakozi bo m’ubuvuzi, kubera ko bakora amasaha menshi, n'akazi gashobora kubangamira ubuzima bwabo.

Iryo hagarikwa ry'akazi rigiye kuzomara indwi. Mu nyuma abo bakozi bategekanya kuzohura kugira ngo barabe ico reta ibivuga ko. Gushika ubu reta ivuga ko guhagarika akazi atari inyishu canke uburyo burashe bwo gusaba ico bakozi bipfuz.

Ibisata vy'ubuvuzi n'indero birangwa n'ihagarikwa ry'akazi uko umwa utashe. Kenshi na kenshi usaga ibisabwa bishimikiye ku mishahara abakozi bavuga ko ari intica ntikize

XS
SM
MD
LG