Uko wahagera

Ingwano yo m’Ubuseruko bwa Congo Kinshasa


Ingwano iherutse kwaduka mu buseruko bwa Congo-Kinshasa yaratumye abantu isinzi bata ingo zabo. Ivyo navyo bikaba bijana n’ayandi makuba ageramira abasivile mu gihe c’ingwano.

Abanye Congo bo mu bwoko butandukanye barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyabo, k’ukuntu amahoro arama yosubira kuboneka muri Congo, na cane cane mu ntara zo m’ubuseruko bw’ico gihugu, maze abanyagihugu bagasubira kubama mu mahoro ata gukebana.

Mugenzi wacu Frederic Nkundikije, yaraganiriye n’abanyeCongo: Samba Nabulizi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe:” Dialogue Mutliculturelle Globale; Safari Munyarugendo, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abanyeCongo “ Congo Peace Initiative muri Kivu (CPIK), hamwe na Emmanuel Sekiyoba, umukuru w’ishirahamwe ry’abanyeCongo baba mu ntara ya California, bose bashikiriza ivyiyumviro vyabo k’ukuntu mahoro yogaruka muri Congo. Nivyo mugiye kwumva mu kiganiro Dusangire Ijambo gikurikira.

XS
SM
MD
LG