Uko wahagera

Amerika Igiye Kuramutswa Barack Obama


Abanyamerika baraye bagiye mu matora y’umukuru w’igihugu. Ayo matora adasanzwe muri kahise ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yahiganwamwo na Senateri Barack Obama yaserukira umugambwe uharanira demokarasi, na Senateri John McCain yaserukira umugambwe uharanira republika.

Ibibanza vy’amatora mu gihugu cose vyatangaje ko ayo matora yitabwe n’abantu isinzi. Hari abavuga ko Senateri Obama vyamworoheye gutsinda kubera abanyamerika benshi batashimishijwe n’ivyo prezida Bush yaranguye, hakiyongerako n’itituka ry’ubutunzi. Ivyo vyose nti bibuza ko ayo matora azokwibukwa muri kahise ka reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Senateri Barack Obama abaye umunyamerika w’umwirabure wambere atahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Agiye kurongora Amerika mu kiringo c’imyaka Ine.



XS
SM
MD
LG