Uko wahagera

Igifaransa n'Ivyerekeye Indero mu Burundi


Abashikiranganji bajejwe indero mu bihugu bivuga ururimi rw’ igifaransa bari mu nama i Bujumbura. Iyo nama nkuru ikoranije abashikiranganji bajejwe indero bava mu bihugu mirongo ine na kimwe yatanguye kw’igenekerezo rya gatatu ry’ukwezi kw’icumi na rimwe i Bujumbura. Ibikorwa vy'iyo nama bizomara imisi ine, bifise intumbero yo gutorera umuti ingorane zituma indero isubira inyuma.

Abahinga barenga mirongo icenda bazotanga ibiganiro vyerekana ingene indero yifashe mur'ivyo bihugu. Imbere yo gusozera iyo nama, abayitavye bazofundika ingingo zorangurwa mu myaka indwi iri imbere kugira ngo inyigisho zitangwa mu mashure zibere ingirakamaro abanyeshure n’igihugu cabo.

Mw'ijambo umushikiranganji Saidi Kibeya ajejwe indero mu Burundi yashikirije, yavuze ko igisata c'indero gikwiye kwitwararikwa kurusha, mu gutanga inyigisho zijanye n'ibihe tugezemwo, mu gukoresha imashine zigezweko, mu kwitwararika ibidukikije, imyuga, no gukunda igihugu n'intwaro ibereye.

Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, Gabriel Ntisezerana, ari nawe yuguruye iyo nama, yerekanye ko reta yashinze ingingo yo kwigisha abana ku buntu mu mashure matomato ariko ko intambwe ikiri ndende. Yamenyesheje ko ubukene bw'abigisha bakwiye, ibikoresho n'inyubakwa z’amashure ari zimwe mu ntambamyi zitoroshe gutorera umuti.

Abo bashikiranganji b'ibihugu bisangiye ururimi gw’igifaransa bahuye mu gihe abategetsi b’Uburundi bariko bagerageza kwigana igihugu c'Urwanda mu vyerekeye gushinga ingingo y’uko ururimi rw’icongereza rwokwigishwa mu gice ca kabiri co mu mashure y'intango mu mashure ya reta, mu gihe mu mashure y'abigenga urwo rurimi rwokwigishwa kuva mu mwaka wa mbere.

XS
SM
MD
LG