Uko wahagera

Urwaka n'Inkino mu Burundi


Ubushikiranganji bujejwe urwaruka n’inkino mu Burundi buherutse kuronka imfashanyo buhawe n’ishirahamwe Peace and Sports ry'i Monaco mu gihugu c’Ubufaransa. Iryo shirahamwe ryashikirije ubushikiranganji bujejwe urwaruka n'inkino, imfashanyo y'amafaranga ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu y'abanyaburaya, ni ukuvuga imiriyoni hafi amajana ane y'amarundi.

Iyo mfashanyo igenewe kunagura ibigo vy'urwaruka biri mu ntara zo mu gihugu. Ivyo bigo bijejwe kwigisha urwaruka utugenegene, inkino n'imico kama. Umushikiranganji Jean Jacques Nyenimigabo yakiriye iyo mfashanyo yatangaje ko ivyo bigo vyari bifise ingorane zikomeye z'uburyo, ati rero iyo mfashanyo ije hageze.

Ukwo gufashanya hagati y'ubushikiranganji bw'inkino n'ishirahamwe Peace and Sports ry'i Monaco ngo kugiye kuzobandanya gushika mu mwaka w'i 2013. Ubushikiranganji bujejwe urwaruka n'inkino bumaze kwunga ubucuti n'amashirahamwe menshi y'i Buraya. Mu kwezi kw'icumi na kabiri, Uburundi butegekanya gutunganya ihiganwa ryo kunonora imitsi, aho n'Abanyaburaya bazotumirwa iruhande y'abanora imitsi bo mu karere k'ibiyaga binini.

XS
SM
MD
LG