Uko wahagera

Imyiyerekano Ishigikiye Umuhari Palipehutu-FNL


Mu myiyerekano yo gushigikira umuhari Palipehutu-FNL, abantu barafashwe, barapfungwa. Ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 z’uku kwezi mu gitondo, abanyagihu cumi, harimwo umumenyeshamakuru w'ikinyamakuru “Hodi Tanganyika”, barafatiwe muri komine Rumonge, mu ntara ya Bururi, bari mu myiyerekano yo gushigikira umuhari Palipehutu-FNL.

Imyiyerekano nk’iyo yabaye mu turere twinshi tw'igihugu; nko mu ntara za Bururi, Muyinga, Ruyigi, Bubanza na Cibitoke. Ahatibonekeje imigwi y'abantu, habonetse inzandiko zishigikira umuhari Palipehutu-FNL, n’izindi ziyamiriza ivyo bise uguhengama kw'abakuru b'ibihugu vy’Ubuganda n'Urwanda, mu matati yo mu Burundi. Izo nzandiko zavuga ko Museveni na Kagame begamiye k’uruhande rwa reta.

Mur’iki gihe, umuhari Palipehutu-FNL na reta y’Uburundi biri mu mpari zijanye no kwemerera uwo muhari ngo ube umugambwe udahinduye izina. Ariko Reta y'Uburundi ivuga ko biteye kubiri n'amategeko. Mu misi iri imbere, bitegekanije ko abakuru b'akarere bazogira ico bashikirije kur'ico kibazo catumye amasezerano yemejwe harahezi imyaka ibiri irenga ishigwa mu ngiro.

Abantu bafashwe ngo bagiye kubazwa, mu matohoza ariko arakorwa kugira ngo abateguye iyo myiyerekano bakurikiranwe. Aime Nkurunziza, umuyobozi mwishikira mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, asigura avuga ko iyo myiyerekano itemewe n'amategeko.
XS
SM
MD
LG