Uko wahagera

Umukuru wa Radiyo RPA  n'Ubutungane  


Umukuru wa radiyo RPA yararengukijwe imbere y’urwego rukuru rujejwe itangazamakuru mu Burundi CNC. Urwo rwego rukurikirana uburyo amakuru atangwa mu Burundi, rusaba radiyo RPA-Ijwi ry'Abanyagihugu kuvuga kur'iyo radiyo nyene ko imaze amezi umunani ishikiriza inkuru icenda z'ububenshi zatyoje abantu. Abo bantu nabo bakaba barituye urwo rwego.

Ku wa kabiri igenekerezo rya 23, ukwezi kw’icenda, umwaka wi 2008, umuyobozi wa radiyo RPA, Emmanuel Nsabimana, yararengukijwe imbere y'umukuru w’urwego CNC. Umupfasoni Vestine Nahimana arongoye urwo rwego yasavye umuyobozi wa radiyo RPA gusomera abanyagihugu urwadiko ruvuga kw’iyo radiyo yatanze inkuru zitari zo, kandi zityoza abantu. Urwo rwandiko rwateguwe n’urwego CNC, rutegerezwa gusomwa kuri radiyo RPA, mu kirundi no mu gifaransa, mu kiringo c’imisi ibiri, rukazosomwa n'abamenyeshamakuru b’iyo radiyo.

Mu bantu icenda bitwariye radiyo RPA mu rwego rukurikirana uburyo amakuru atagwa mu Burunndi, CNC, barimwo Melchior Wagara, umuhanuzi mwishikira mu biro kwa Perezida. Emmanuel Nsabimana arongoye radiyo RPA avuga ko badashobora gusoma urwo rwandiko rwa CNC, kuko ku bwiwe ngo imanza ziramaze gushika m’ubutungane, kandi ngo nti zirasomwa. Ico yibaza ngo n'uko hari intumbero y'abategetsi atavuga amazina, bashaka kwugara radiyo RPA.

RPA ni iradiyo yigenga idatinya kudoma urutoke ku bitagenda neza, cane cane mu kunegura ubutegetsi. Ikoresha abamenyeshamakuru barinda, ariko ngo kenshi na kenshi usanga batigiye ivyo kumenyesha amakuru, canke bakiri bashasha mu mwuga w’itangazamakuru. Ivyo navyo bikaba bikunda gushika mu maradiyo menshi yo mu gihugu.

Umushikirizamanza mukuru wa republika nawe nyene yararengukije umukuru wa radiyo RPA. Amaze kuva kwitaba urwego rukurikirana ingene inkuru zitangwa mu Burundi,

Emmanuel Nsabimana, umuyobozi wa radiyo RPA yaronse urundi rwandiko rumurengutsa imbere y’umushikirizamanza mukuru wa republika, ku musi wa kane igenekerezo rya 25 z’uku kwezi kw’icenda.

Umukuru wa RPA akurikiranwa ku nkuru zashikirijwe n'iyo radiyo. Abo izo nkuru zerekeye baritwaye mu rwego rujejwe itangazamakuru, kandi Emmanuel Nsabimana arengukijwe mu gihe Jean Claude Kavumbagu amaze imisi cumi n'ibiri mu Mpimba.

Abamenyeshamakuru n' abandi bantu bo mu mashirahamwe yigenga baridogera ubutungane, bavuga ko bukoreshwa n'abategetsi b’igihugu.


XS
SM
MD
LG