Uko wahagera

Uburundi na Afrika y'Epfo ku Vyerekeye Amagara y'Abantu


Uburundi na Afrika y'Epfo bigiye gufashanya mu vyerekeye amagara y'abantu. Afrika y'Epfo n'Uburundi vyiyemeje gufashanya mu gisata c'ivyerekeye amagara y'abantu mu guhanahana ubumenyi, abaganga, n'abantu bagwaye. Ariko mu vy'ukuri Afrika y'Epfo niyo igiye gufasha Uburundi.

Umushikiranganji ajejwe kwitaho amagara y'abantu mu gihugu ca Afrika y’Epfo n'uwo mu Burundi bashize ibikumu kur’ayo masezerano ku musi wa kabiri igenekerezo rya 16, mur’uyu mwaka wi 2008. Ibiri mu nzandiko zashizweko ibikumu n'abo bashikiranganji babiri, bivuga ko Abarundi bagwaye bazoja kwivuza muri Afrika y'Epfo, bazokwakirwa mu bitaro vya reta, hanyuma barihe nk'abanyagihugu bo muri Afirika y'Epfo.

Afrika y'Epfo yiyemeje kandi gufasha mu vyerekeye inyigisho z'Abarundi bipfuza kwiga ivyerekeye ubuvuzi. Abaganga b'Abarundi n'abo muri Afrika y'Epfo bazokorana kandi bari kure na kure mu kuvura umurwayi bimwe bita telemedecine.

Ayo masezerana azoshirwa mu ngiro imbere y'uko uyu mwaka uhera. Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burundi, Emmanuele Gikoro avuga ko Abarundi bazohungukira cane, kuko ngo bahora bakoresha amafaranga menshi cane.

Africa y'Epfo imaze kugiranira amasezerano nk'ayo n'ibihugu vya Seychelles na Madagascar.

XS
SM
MD
LG