Uko wahagera

Impari mu Mashengero yo mu Burundi


Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu muBurundi buragabisha amashengero arimwo impari. Umuyobozi mwishikira m’ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Aime Nkurunzinza aherutse kugabisha amadini amwe amwe arangwamwo indyane ko ashobora kwugarwa.

Aime Nkurunziza yamenyesheje ko bimaze kwibonekeza ko abayoboye amadini benshi basigaye barangwa n'inyungu zabo, aho kwigisha ijambo ry'Imana, nk'uko bugurura ishengero babivuga. Abapasitori bararwanira kurongora amashengero, uwatowe akanka gukinjura ikiringo ciwe kirangiye. Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko bugiye gukara, bugasaba abarongoye amadini gutomora neza amategeko abagenga no kwubahiriza amategeko y'igihugu.

Kw’igenekerezo ry’indwi ry’uku kwezi kw’icenda, abakirisu bo mw'ishengero" Rema Church" ry'ahitwa Gatete, mu Rumonge aho gukurikirana imisa, barorereye aho abapasitori babo babiri bariko bararwana, bapfa ubuyobozi.

Kur'uwo musi nyene, imigwi ibiri yo kw'ishengero ry'abaporotesintanti yarateranye amabuye, kubera ukutumvikana kw'abapasitori barongoye iryo shengero. Abaporisi bahashitse nibo bafashije kugira ngo imisa ishoboke.

XS
SM
MD
LG