Uko wahagera

Agateka ka  Zina Muntu mu Burundi


Umuhinga yigenga wa ONU mu vyerekeye agateka ka muntu aranebagura ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Umuhinga wa ONU, Akich Okola, aherutse gusohora raporo y'impapuro mirongo ibiri na zibiri, inebagura iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu mu Burundi.

Mur'iyo raporo, Akich OKOLA, asigura ko mu mezi atandatu ya mbere y'uwu mwaka, ivyerekeye agateka ka zina muntu vyagiye birasubira inyuma mu Burundi. Uwo muhinga mu vyerekeye agateka ka zina muntu, yanditse avuga ko agateka ka zina muntu kahonyanzwe incuro ibihumbi bine. Avuga ko abahonyanze agateka ka zina muntu ahanini ari abajejwe intwaro n'umutekano. Mu bakorewe amabi, bamwe barishwe, abandi barakubaguwe, abakenyezi n'abigeme nabo bafatwa ku nguvu.

Iyo raporo ishimikira cane ku bwicanyi bwakozwe i Muyinga mu buraruko bw'Uburundi, mu kwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka wi 2006, aho hishwe abanyagihugu barenga mirongo itatu, bagirizwa ko boba ari aba FNL; n'ubwicanyi bwakorewe impunzi z'abanyamurenge zirenga ijana na mirongo itandatu, mu Gatumba. Akich Okola asigura ko abakoze ubwo bwicanyi batararengutswa imbere y'ubutungane kugira ngo bahanwe, kandi ko ivyo bituma n'ubundi bwicanyi bubandanya.

Mu bijanye na poritike y’Uburundi, iyo raporo igaruka kw'iyirukanwa ry'abashingamateka mirongo ibiri na babiri mu Namanshingamateka. Ivuga kandi ko Sentrare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ari nayo yemeje ingingo yerekana ko ubutungane bwo mu Burundi bukoreshwa n'ubutegetsi, kandi kw’ico gisata kibangamiwe cane no kutigenga.

Iyo Raporo isaba reta y’Uburundi kwitwararika ivyerekeye agateka ka zina muntu, kwubahiriza no kwumviriza abo batavuga rumwe, no gutegura neza amatora yo mu mwaka w’i 2010. Amakungu asabwa kubandanya gufasha Uburundi, cane cane mu vyerekeye ubutungane, no gutegura amatora kugira ngo azokorwe mu mutekanano.

XS
SM
MD
LG