Uko wahagera

Integuro y'Ikigega Reta Izokoresha mu 2008


Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yaremeje integuro y'itegeko risubiramwo amafaranga reta izokoresha mu 2008. Abakenguzamateka mirongo itatu ku mirongo ine na babiri bari bitavye ibikorwa, baremeje integuro y'itegeko rishinga amafaranga reta izokoresha mur'uyu mwaka w'i 2008. Cumi na babiri nta na kimwe babivuzeko.

Iyo nteguro y'itegeko igena amafaranga reta izokoresha, ashika ku miriyaridi amajana atanu na mirongo icenda na zine, mu gihe ayari yashinzwe mu ntango z'umwaka yaharugwa mu majana atanu na mirongo ibiri, mu mafaranga y'amarundi. Iyo nteguro igiye kurungikwa muri reta, kugira ngo reta ice isohora itegeko ryemeza ayo mahera.

Iyo nteguro iha umukuru w'igihugu amafaranga ari iruhande angana imiriyaridi zibiri z'amarundi, avugwa ko agenewe kuzokoreshwa mw’iterambere ry'abanyagihugu. Ibiro vy’iperereza navyo vyongewe imiriyoni amajana ane y'amarundi.

Ishirahamwe rigwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta mu Burundi, rivuga ko iyo nteguro y'itegeko yakozwe nabi, kandi ko itisunga ingorane z'abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG