Uko wahagera

Ibiro vy''mukuru w'Igihugu c'Uburundi n'Iperereza Vyongewe Amafranga Menshi


Integuro y'itegeko risubiramwo amafaranga reta ikoresha mur'uno mwaka w'i 2008 riha amafaranga imiriyaridi zibiri n'imiriyoni amajana indwi ibiro vy'umukuru w'igihugu n'imiriyoni amajana ane ibiro bijejwe iperereza r'umukuru w'igihugu.

Imiriyaridi zibiri ni amafaranga yahawe umukuru w'igihugu kugira afashe abanyagihugu mu bikorwa vy'iterambere nk'uko vyanditswe mu nsiguro zitangwa n'abo mu kigega ca reta bateguye iryo tegeko. Imiriyoni amajana indwi nazo zigenewe imiduga yo kwa perezida.

Ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta ritangaza ko itangwa ry'ayo mafaranga ryerekana neza ko harimwo gusesagura no gushaka kunyuruza amafaranga y'igihugu. Gabriel Rufyiri atwara OLUCOME abona ko amafaranga y'iterambere ry'abanyagihugu yari guca mu bushikiranganji bubijejwe ati ntivyumvikana ingene yoca mu biro kwa perezida.

Iperereza ryongewe amafaranga mu gihe mu ntango y'uno mwaka ivyo biro vyari vyahawe imiriyaridi zine. OLUCOME ivuga ko amafaranga yo mw'iperereza akoreshwa nabi cane, kenshi ngo aduza amazu y'abantu. OLUCOME ifise impungenge z'uko ayo mafaranga yose yongerejwe ashobora kuba agenewe gukoreshwa mu matora yimirije n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Integuro y'itegeko risubiramwo amafaranga reta ikoresha mur'uno mwaka rirongera ubushikiranganji bw'uburimyi ibice bitatu kw'ijana. OLUCOME irashima iyo ngingo.

Mu misi iri imbere Inama nshingamateka niho izokwemeza iyo nteguro. Mu Nama nshingamateka, ubu umugambwe uri k'ubutegetsi ufise abashingamateka bashobora kwemeza itegeko rikarenga n'aho abashingamateka bo mu yindi migambwe boba basohotse canke banse kwemeza itegeko.

XS
SM
MD
LG