Uko wahagera

Urwaruka rwa CNDD-FDD mu Myiyerekano


Urwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri k'ubutegetsi CNDD-FDD, kw'igenekerezo rya 6 ry'uku kwwezi kw'indwi rwihereje amabarabara y'igisagara ca Bujumbura mu myiyerekano yo gushigikira umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza.

Inzandiko n'ivyivugo vyashikirijwe, vyahayagiza vyongera bishimagiza ingingo zo kuvuza k'ubuntu abana bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze. Iyo misore n'inkumi yarakeje kandi ingingo yo gufuta abashingamateka mu namanshingamateka. Mu majambo yavuzwe, urwo rwaruka rwamenyesheje ko rushima kubona ibikorwa vy'Inamanshingamateka vyasubiriye kubandanya.

Iyo myiyerekano yarekuwe n'umukuru w'igisagara ca Bujumbura, Euvrare Giswaswa, mu gihe abanyeporitike batavuga rumwe na reta, nk'abo mu mugambwe FRODEBU na CNDD bavuga ko no kuronka uruhusha rwo kugirisha inama isanzwe bitoroshe. Leonce Ngendakumana arongoye umugambwe FRODEBU avuga ko bakwiye nabo nyene kwemererwa kugaragaza umubabaro canke umunezero wabo, mu guhabwa uruhusha rwo kugira imyiyerekano, n'aho boba bashaka gukebura reta ku bintu bitagenda neza.

Imyiyerekano irarekuwe mu Burundi, ariko abayiringaniza bategerezwa kubanza gusaba uruhusha. Umukuru w'igisagara ca Bujumbura asigura avuga ko uruhusha rutangwa babanje kumenya niba iyo nama canke imyiyerekano idashobora gutuma umutekano uhungabana.

XS
SM
MD
LG