Ku musi wahariwe umwana muri Africa, urwaruka ruriko
rurategura intambwe yo gushinga Inama Nshingamateka y'urwaruka, izofasha urwo
rwaruka gushikiriza ivyiyumviro vyarwo. « Igiti kigororwa
kikiri gito » ni icivugo caranze ihimbazwa ry'umusi mpuzamakungu wahariwe
umwana muri Afrika. Intumbero y'uwo musi, kwabaye ukwibuka ibibondo vyishwe
bunyamaswa n'inzego z'umutekano, bizira ivyiyumviro vyavyo muri Soweto mu 1976,
mu gihugu ca Afrika y'Epfo. Gushika ubu, amashirahamwe n'ama Reta vyemeza ko
kw'isi agateka k'umwana ata ntambwe iboneka karagira.
Ku
vyerkeye Uburundi, ibice 11% vy'abana bamerewe nabi. Mu ntara ya Muyinga
yonyene, abana 80.000 ni impfuvyi zitagira icepfo n'icaruguru, nk'uko
bishikirizwa n'urunani rw'amashirahamwe y'urwaruka. Louis Rwasa atwara urunani
rw'amashirahamwe y'urwaruka mu ntara ya Muyinga, avuga kw'imvo nyamukuru ari
ubukene bwugarije imiryango, hamwe n'ikiza ca Sida. Ibibondo bisaba gufashwa.
Miburo Ntirandekura umwana wo mw'ibarabara arayaga.
« Twebwe
umusi mukuru udushikiye tumerewe nabi. Ntawe dufise adutunga, urumva
twironderera mw'ibarabara….twebwe abo mw'ibarabara, natwe dukeneye abaza
kudutunga bakaturonderera imyuga kugira ngo turondere ubuzima nk'abandi. »
Inama nshingamateka
y'urwaruka igiye gushingwa.Uburundi buzoba bwinjiye mu murwi w'ibihugu birenga
cumi bimaze gutera intambwe iboneka muri ico gikorwa, nk'Urwanda na Tanzania
dusangiye imbibe. Inama Nshingamateka y'abana ni inzira izotuma ibibondo
bishira ahabona ibijanye n'amateka yabo. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho
ibibondo UNICEF, rirashigikiye iyo ngendo. Ishirahamwe UNICEF ryisunga
iciyumviro c'umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza, yashikirije abana
b'abamenyeshamakuru avuga ati: Imbere y'uko tuba abakuru b'ibihugu
n'abashikiranganji, twabanje kwitwa abana. Nico gituma bakwiye gutegurwa hakiri
kare. Igisata kijejwe urwaruka mu nama nshingamateka y'Uburundi caragize
uruhara mu kwumvisha abagenzi babo ico ciyumviro.
Itahuka ry'impunzi
rifise insiguro kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe umwana w'umunyafrika.
Gilbert Ntamuhwe wo mu gisata kijejwe kumenyesha amakuru mw'ishirahamwe UNICEF
avuga ati :
" Insiguro twobiha n'uko
abana bariko baragaruka mu gihugu cabo …barakeneye kwitegurirwa ...abana benshi
bahora mu gihugu ca Tanzaniya bahora biga, nico gituma rero ishirahamwe
mpuzamakungu UNICEF ririko riragerageza gufasha Reta y'Uburundi, kugira ngo
abana biga mu mashure y'intango nibashika bazoronke ingene babandanya kwiga…"
Mu nteguro, urwo runani rugizwe n'abana batarenza
imyaka 18. Umupfasoni Pascasie Nkinahamira, umukuru w'umurwi ujejwe ibibazo
vy'urwaruka mu nama nshingamateka y'Uburundi, aremeza kw'abo bana bazova mu
makomine yose y'igihugu.