Ishirahamwe Human Rights Watch
ryisigura rivuga ko ingingo yo gufuta abashingamateka mirongo ibiri na
babiri mu Nama Nshingamateka iherutse gufatwa n'abacamanza ba sentare
yubahirizwa ibwirizwa nshingiro itisunze amategeko. Mur’iryo tangazo,
Arrison Desforges avuga ko mu misi iri imbere iyo ngingo izogira
ingaruka mbi ku vya poritike y’Uburundi, kandi kw’ivyo vyerekana ko
abatavuga rumwe na reta bahigwa.
Abashingamateka bakuwe
bagirizwa kuba bavuye mu mugambwe CNDD-FDD ku gushaka kwabo canke
birukanywe mu mugambwe. Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko hari
n’abashingamateka bo mu mugambwe FRODEBU bakuwe mu mugambwe, ariko ngo
umukuru w'Inama Nshingamateka, Pie Ntavyohanyuma nti yarinze kubatanga
muri Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, kugira ngo nabo bakugwe mu
Nama Nshingamateka.
Abashingamateka birukanywe mu Nama
Nshingamateka baramaze gusubirizwa
n'abandi bari ku rutonde, bakaba binjijwe kugira ngo bafashe umugambwe uri ku
butegetsi gutora amategeko bitagoranye. Mu mategeko agiye gutorwa mur'iyi myaka
ibiri isigaye, harimwo ayerekeye amatora yo mu 2010 n'isubirwamwo ry'ibwirizwa
nshingiro. Ukuntu Inama Nshingamateka imeze mur’iki gihe, bizotuma ivyo
umugambwe CNDD-FDD ushatse birengana ata ngorane.