Uko wahagera

Human Rights Watch ku Vyerekeye Uburundi


Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Human Rights Watch, riranegura Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi. Mw'itangazo iryo shirahamwe riherutse gusohora, umupfasoni Arrison Desforges ajejwe akarere ka Afrika, yagirije sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi, ko ikoreshwa n'umugambwe uri ku butegetsi mu ngingo ifata.

Ishirahamwe Human Rights Watch ryisigura rivuga ko ingingo yo gufuta abashingamateka mirongo ibiri na babiri mu Nama Nshingamateka iherutse gufatwa n'abacamanza ba sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro itisunze amategeko. Mur’iryo tangazo, Arrison Desforges avuga ko mu misi iri imbere iyo ngingo izogira ingaruka mbi ku vya poritike y’Uburundi, kandi kw’ivyo vyerekana ko abatavuga rumwe na reta bahigwa.

Abashingamateka bakuwe bagirizwa kuba bavuye mu mugambwe CNDD-FDD ku gushaka kwabo canke birukanywe mu mugambwe. Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko hari n’abashingamateka bo mu mugambwe FRODEBU bakuwe mu mugambwe, ariko ngo umukuru w'Inama Nshingamateka, Pie Ntavyohanyuma nti yarinze kubatanga muri Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, kugira ngo nabo bakugwe mu Nama Nshingamateka.

Abashingamateka birukanywe mu Nama Nshingamateka baramaze gusubirizwa n'abandi bari ku rutonde, bakaba binjijwe kugira ngo bafashe umugambwe uri ku butegetsi gutora amategeko bitagoranye. Mu mategeko agiye gutorwa mur'iyi myaka ibiri isigaye, harimwo ayerekeye amatora yo mu 2010 n'isubirwamwo ry'ibwirizwa nshingiro. Ukuntu Inama Nshingamateka imeze mur’iki gihe, bizotuma ivyo umugambwe CNDD-FDD ushatse birengana ata ngorane.


XS
SM
MD
LG