Uko wahagera

Imyiyerekano yo Guhagarika Akazi


Akazi karahagaze m'Ubushikiranganji Bujejwe Ubutungane. Abakozi barenga ibice 60 kw'ijana vy’abakozi bo m’ubushikiranganji bujejwe ubutungane baraye batanguye imyiyerekano yo guhagarika akazi mu Burundi. Kuva ku wa mbere, igenekerezo ry’icenda, ukwezi kwa gatandatu, imanza zo muri za sentare nyinshi nti zashashe.

Abakozi atari abacamanza bo mu bushikiranganji bujejwe ubutungane, nibo bahagaritse akazi. Iryo hagarikwa ry'akazi ribaye irigira gatanu, mu kiringo c'amezi cumi n'abiri. Mu gisagara ca Bujumbura, sentare nka zose nti zakoze. Ku nyubakwa yitiriwe ubutungane, abantu bari bitavye imanza bava irya n’ino mu gihugu hagati, basanze imiryango yugaye, ahari huguruye naho, intebe zaragaragara.

Abakozi bandika imanza, kandi bajejwe gushingura amadosiye, bariko bota akazuba hanze. Umunyagihugu atashimye kwivuga izina yamanutse i Bujumbura ava i Ngozi, ku birometero birenga ijana, yabariye Ijwi rya Amerika ko yatakaje umwanya n'amafaranga, agasaba umukuru w'iguhugu gutorera inyishu ibibazo vy'abo bakozi.

Mu gihugu hagati, abatwara sendika y'abo bakozi n'abajejwe intwaro twaganiriye kuri terefone, batubwiye ko akazi katakozwe, kiretse mu ntara ya Bubanza aho abakozi babandanije akazi nk’uko vyahora. Abo bakozi basaba ishigwa mu ngiro ry'amategeko abagenga, yemejwe kw'igenekerezo rya cumi na gatandatu, ukwezi kwa gatandatu, umwaka w'i 2000, n'umushikiranganji ajejwe ubutungane w'ico gihe. Ayo mategeko abaha akarusho ku gashahara no ku tundi dushirukabute.

Ariko agashavu katumye ihagarikwa ry'akazi ryo kur'uyu wa mbere riba, ngo ni ingingo umushikiranganji ajejwe ubutungane yafashe, yo gukura i Bujumbura abarongoye sendika, bakaja gukorera mu ntara za kure. Nahayo Melance arongoye sendika y’abo bakozi akaba ari muribo. Abari mu myiyerekano bavuga ko umushikiranganji ajejwe ubutungane ariko agerageza gusambura iyo sendika.

Umushikiranganji ajejwe Ubutungane, Jean Bosco Ndikumana, asigura ibiriko biraba avuga ko amafaranga abo bakozi basaba atayahariho muri iki gihe. Kurungika abakozi mu zindi ntara navyo, ngo n'ibisanzwe.

Mu Burundi, abakozi bo mu bisata bitandukanye barakunda guhagarika akazi. Akarorero n’abakozi ba radiyo na tereviziyo bari mu kwezi kugira kabiri barahagaritse akazi. Abanyeshure bo muri kaminuza y'Uburundi nabo ejo niho basubira mw'ishure, inyuma y'ukwezi kurenga bari bamaze bari muhira. Mw'ishirahamwe SOSUMO rikora isukari, abakozi bane batwara sendika baherutse kwirukanwa, kubera yegereyegere. Muri COGERCO, ishirahamwe rihingura ipampa, umunyamabanga mukuru wa sendika yakuwe i Bujumbura arungikwa gukora mu gihugu hagati, aho avuga ko ata n'akazi afise.

Mu bisata vyose havugwa ihagarikwa ry'akazi, ico kibazo kijanye ahanini no gusaba akarusho mu vyerekeye imishahara. Itohoza ryakozwe n'abanonosoye ivy'ubutunzi, rigaragaza ko, mu mezi atanu arangiye, ifaranga ry'Uburundi ryatakaje agaciro gushika ku bice birenga mirongo ibiri n'indwi kw’ijana.

XS
SM
MD
LG