Uko wahagera

Imigambi y'Umuhari MSD mu Burundi


Mu kiganiro umuyobozi w’umuhari uharanira umutekano na demokrasi mu Burundi, mu ncamake MSD, Alexis Sinduhije yahaye Ijwi rya Amerika, yatanguye avuga ku catumye bashiraho uwo muhari n’imigambi bafise.

Amenyesha ko ica mbere ari uko babona ko ata mugambwe n’umwe canke ubutegetsi na bumwe uko bwagiye burakwirikirana mu Burundi vyitaho guteza imbere abanyagihugu. Amenyesha ko gushika ubu, igihugu c’Uburundi gifise abantu barenga ibice 90 kw’ijana baba mu gihugu hagati aho basinzikajwe bikomeye n’ubukene naho aribo bimbura.

Umukuru w’umuhari, MSD, Alexis Sinduhije arabaza ati: “ Hari Reta nimwe yigeze yiyumvira gushira amafranga hagati mu gihugu hava umwimbu, hari Reta nimwe canke umugambwe numwe mu Burundi ufise imigambi itomoye yo gushira amafranga ahava umwimbu? Amenyesha ko ivyo vyose batabibona. Ngo hari Reta nimwe yakwirikiraniye hafi ukugene yokomeza umutekano haba ku vyerekeye ibifungugwa, umutekano mu butegetsi, mu budandaji hagati mu gihugu? Avuga ko ivyo vyose ari ingorane babona zatumye ahanini bashinga umuhari MSD.

XS
SM
MD
LG