Uko wahagera

Ingingo yo Guhagarika Intambara mu Burundi


Reta y'Uburundi n’umuhari Palipehutu-FNL basubiriye guhagarika intambara. Ku musi wa mbere mu gitondo, igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatanu 2008, umuvugizi w'umuhari Palipehutu-FNL, Pasteur Habimana, n'umuhanuzi mwishikira mu biro kwa Perezida ajejwe imigambi ya gisirikare, barashize ibikumu ku rwandiko rwemeza ko basubiriye guhagarika intambara. Bitegekanijwe ko iyo ngingo ishigwa mu ngiro amasaha atandatu inyuma y'uko bateye ibikumu kur’ayo masezerano.

Urwandiko ruri ku rupapuro rumwe gusa, rusaba ko abagwanyi ba FNL baronswa ibifungugwa kugira ngo nti basubire gusahura abanyagihugu. Inama yerekeye ico kibazo itegekanijwe ku wa kabiri igenekerezo rya 27, ukwezi kwa gatanu, umwaka wi 2008. Izohuza umugwi wa politike mu biganiro hagati ya reta n’umuhari FNL, hamwe n'abaserukira amakungu kugira ngo barabire hamwe aho amafaranga n'ibindi abagwanyi bakeneye bizova.

Iyo ngingo yo guhagarika intambara isubiriye gufatwa inyuma y'aho ibikorwa vy'umugwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano yo kw'igenekerezo rya 7 ukwezi kw'icenda 2006 bisubiriye gutangura. Ayo masezerano yo mu 2006 nti yigeze ashigwa mu ngiro. Intambara zari zarahagaze zarasubiye kwaduka kw'igenekerezo rya 17 ukwezi kwa kane 2008.

Abarongoye umuhari Palipehutu-FNL baherutse gutahuka kugira ngo bashire mu ngiro ayo masezerano, kandi n’umukuru w'uwo muhari, Rwasa Agathon agiye kuzotahuka nawe nyene mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu, nk'uko vyatangajwe n'abafasha umuhuza.

XS
SM
MD
LG