Uko wahagera

Rusansuma rw'Abakozi ba Reta mu Burundi


Umushikiranganji ajejwe imigambi y'akazi mu Burundi, umupfasoni Clotilde Niragira, yabariye abamenyeshamkuru ko hari abakozi bahembwa amafaranga ya reta kandi batari ku kazi. Abo bantu ngo nti bazwi neza igitigiri, ariko ngo hari bamwe bapfuye, abandi nabo bahunze ariko bakaba babandanya guhembwa. Ngo hari n’abandi, nabo nyene batazwi igitigiri, ngo bahembwa habiri.

Umushikiranganji Clotilde Niragira avuga kw’ivyo vyose vyatewe n’intambara yagize ingaruka mbi k’uburyo abajejwe intwaro n'imigambi y’akazi bakora. Kw'igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatanu, reta y'Uburundi itegekanya gutanguza rusansuma y'abakozi ba reta mu gihugu cose, kugira ngo abakozi ba reta bakora babe aribo bahembwa.

Ico gikorwa kizokoresha amafaranga ibihumbi amajana icenda y'i Bulaya, n’ukuvuga umuriyaridi urenga w'amafaranga y'Uburundi. Amahera y’iyo rusansuma izomara indwi zitandatu, yatanzwe n'Ibanki y'Isi Yose. Umushikiranganji Clotilde yabwiye abamenyeshamakuru ko muri kino gihe reta ihemba abakozi ibihumbi mirongo itanu n'umunani. Ariko ngo ibizwi neza n’uko abakozi batonda ku kazi badashika ico gitigiri.

XS
SM
MD
LG