Uko wahagera

Inama Nshingamateka y'Ibihugu vyo m’Ubuseruko bwa Africa


Inama Nshingamateka y'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Africa yitabwe n’Uburundi n’Urwanda. Bwabaye ubwa mbere Abarundi n'Abayarwanda bitaba iyo nama.

Abashingamateka b'Abarundi baherutse gutorwa ngo baserukire igihugu mu Nama Nshingamateka y'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika, bafashe indege ku musi w'Imana, igenekerezo rya 11 ry’ukwezi kwa gatanu, baja i Nariobi muri Kenya, aho iyo nama ibera. Iyo nama igira iya gatandatu, yatanguye ku wa mbere igenekerezo rya cumi na kabiri, ikazorangira kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na gatatu ukwezi kwa gatanu.

Intumbere nkuru y'iyo nama ni ukwemeza amafaranga azokoreshwa n'Inama Nshingamateka y'ibihugu vyo m’ubuseruko bwa Afrika, mu mwaka w'i 2008 n'i 2009. Ayo mafaranga angana n'imiriyoni mirongo itatu n'ibihumbi amajana atanu na mirongo itandatu na kimwe n'amajana abiri na mirongo itatu n'abiri, nk'uko tubisoma mu rwandiko rwasozereye inama y'abashikiranganji b'iryo shirahamwe, bemeje ayo mahera kw'igenekerezo rya cumi n'umunani ukwezi kwa gatatu.

Abashingamateka baserukira Uburundi n'Urwanda bazokwakirwa ubwa mbere mur'ivyo bikorwa, kubera ibihugu vyabo vyatevye kwemererwa kwinjira mur'iryo shirahamwe.

XS
SM
MD
LG