Uko wahagera

Ihagarikwa ry’Akazi kuri RTNB


Umushikiranganji ajejwe itangazamakuru, akaba n'umuvugizi wa reta y’Uburundi, umupfasoni Hafsa Mossi, yarandikiye urwego nyobozi rwa Radiyo na Tereviziyo vy'igihugu, yemeza ko reta igiye gutanga akarusho ku vyerekeye kwiyunguruza no ku vyerekeye amasaha arenga ku masaha ategekanywa n’amategeko akorwa n'abakozi ba RTNB.

Iryo kete ryanditswe abakozi bamaze imisi icenda bahagaritse akazi, ntaco ryashoboye guhindura ku vyerekeye yegereyegere abo bakozi barimwo. Dismas Ntagahoraho aserukira abakozi, yabariye abamenyeshamakuru ko bazobandanya guhagarika akazi, kugeza bahawe agashahara kisununuye, kandi bakemererwa kuduzwa amapete hisunzwe amategeko mashasha.

Uwuserukira abakozi ba RTNB yisigura avuga ko babandanya imyiyerekano yo guhagrika akazi mu gihe biteze ibiganiro. Agasaba ko hoboneka n'umuhuza, ngo kuko ikibazo cabo kimaze imyaka myinshi. Kuri RTNB amakuru amaze imisi ashikirizwa n’abantu bashasha, mbere n'uwurongoye Karitiye Buyenzi yarashikirije amakuru mu giswahiri, kandi atiri bwigere akora ako kazi. Amakosa menshi arakorwa kuri tereviziyo, kuko ibiganiro n'amakuru bigenda biracikagurika.

Ku bakozi amajana ane na mirongo ine na batandatu ba RTNB, mur’iki gihe hakora abadashika na mirongo ibiri.

XS
SM
MD
LG