Uko wahagera

Ingwano ya FNL mu Kabezi


Abantu ibihumbi munanani barataye izabo mu Kabezi. Inyuma y'intambara zimaze imisi ibiri hagati ya reta y’Uburundi n'umuhari Palipehutu-FNL muri komine Kabezi, mu ntara ya Bujumbura-Rural, abajejwe intwaro baremeza ko abantu bashika ibihumbi munani bavuye mu zabo. Benshi muribo bagizwe n'abagore n'abana.

Abo bantu bakiriwe ku mugwa mukuru wa komine Kabezi, babwiye radiyo Ijwi rya Amerika ko bahunze ahanini amabombe aterwa n'abasirikare b'igihugu bariko bararondera abagwanyi ba Rwasa Agathon. Mu gihe abanyagihugu bahunze, basiga ivyabo inyuma, ivyo mu nzu vyose n'ibitugwa. Mu bibanza bahungiyemwo, bafise ingorane zo kuronka ibifungurwa n'aho bakika umusaya. Bavuga ko ata mwizero bafise wo gusubira kubona ivyabo, kuko bagiriza abasirikare b'igihugu ko aribo basahura ivyo basanze mu mazu. Umuvugizi w'ugwego gwa gisirikare, Adolphe Manirakiza, abeshuza iyo nkuru avuga ko ata musoda asahura mur'izo ntambara.

Adolphe Manirakiza nta bitigiri ashima gushikiriza ku vyerekeye iyo ntambara, ariko avuga ko umuhari Palipehutu-FNL ukomerewe. Uwo muvugizi w'ugwego gwa gisirikare twasanze aho intambara iriko irabera, yareretse abamenyeshamakuru abagwanyi icenda avuga ko ari aba FNL bishikanye bafise n’inkoho zitatu z'ubwoko bwa Kalachinikov.

Mur'izo ntambara, ugwego gwa gisirikare mu Burundi ruremeza ko rwakoresheje uburyo bwose rufise, ariko ngo abanyagihugu bari basabwe kuva muturere tw'intambara. Abanyagihugu baremeza ko ata muntu yapfuye, ariko bakavuga ko amabombe yakorokera iruhande yabo, ari naco gituma baciye bata bakomoka. Abo banyagihugu basaba reta kwumvikana n’umuhari FNL, kugira ngo intambara ihagarare.

XS
SM
MD
LG