Uko wahagera

Guhiganisha Ikawa y'Uburundi muri Amerika


Umuyobozi w’ishirahamwe ry’Uburundi rijejwe ikawa, OCIBU, Jean De Dieu Mutabazi, mu kiganiro yagiranye na Frederic Nkundikije wo muri Service y’Ikirundi n’Ikinyarwanda kw’Ijwi rya Amerika, yavuze ko we n’abo yaje ayoboye baje muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ntara ya Minnesota ku butumire bw’ishirahamwe rya Amerika riraba ibihugu vyose birima ikawa y’akanovera.

Avuga ko baje kugira barabe ko boronka abantu babagurira ikawa ku biciro vyiza. Amenyesha ko hari abo bari basanganywe, ngo yamara bashaka kuronka abandi kubera uyu mwaka Uburundi buzokwimbura ikawa nyinshi.

Umuyobozi w’ishirahamwe OCIBU, Jean De Dieu Mutabazi amenyesha ko intambamyi bafise ari uko ikawa bagurishije ishikira abayigura itevye kandi yataye akanovera kubera iba yamaze umwanya muremure mu mifuko itabitswe neza. Avuga ko ico kibazo nibataha bazocicarira.

Mutabazi avuga ko bafise imigambi y’uguha igiciro ciza abarimyi kugira bitume bijukira kurushiriza kurima n’ugufata neza ikawa yabo mu bizokwongereza umwimbu n’akanovera kayo.

XS
SM
MD
LG