Uko wahagera

Guhagarika Akazi Kuri Radiyo-Tereviziyo y'Uburundi


Abakozi ba radiyo-tereviziyo vy'Uburundi bahagaritse akazi. Igihe ishirahamwe ry'abakozi ba radiyo na tereviziyo vy'igihugu ryafata ingingo yo guhagarika akazi, kw’igenekerezo rya 28 ry’ukwezi kwa kane, indirimbo n'amatangazo nivyo vyavuga cane kuri radiyo, kandi amasaha y'amakuru nti yubahirijwe.

Abakozi bahagaritse akazi ubugira kabiri mu kiringo c'amezi atanu, basaba ko bokwongerwa umushahara, kandi bagahabwa amasaha y'akazi ategekanywa n'amategeko y'igihugu. Dismas Ntagahoraho,umunyamabanga wa sendika Syrt asigura ingingo bafashe avuga ko bakora amasaha menshi cane arengeye ayashinzwe n'amategeko, hanyuma amapete yo mu kazi nayo ntaduge.

Umuyobozi mukuru wa radiyo-tereviziyo y’Uburundi avuga ko atahura ibisabwa n'abakozi, ariko agasaba ko borindira ibiganiro vyimirije kugira ngo batorere inyishu ivyo bibazo.

Muri radiyo-tereviziyo y’Uburundi umukozi ahejeje kaminuza ashikira ku mushahara w'ibihumbi mirongo umunani ku kwezi vy’amafranga y’Uburundi, n’ukuvuga amadorari mirongo umunani.

XS
SM
MD
LG