Uko wahagera

Ugucikiza Muri Komine Mutimbuzi


Inyifato y’imisore icikiza inkumi muri komine Mutimbuzi ifise ingaruka mbi ku buzima bwa misi yose. Muri komine Mutimbuzi hari imisore ikunda kubana n’abakobwa ishimye batarinze kwandikwa muri reta. Ni vyo ikiganiro c’urwaruka Ejo Bite? kigiye kudushikirako.

Pascal Ntukamazina avuga kw’inkurikizi y’iyo nyifato ar’ubukene, mu gihe n’inkwano isabwa ari nini. Ezechiel Miburo atwara umutumba wa Nyabunyegeri nawe, aremeza kw’iyo nkwano imaze kurenga ibihumbi 100, kandi ko atawuyaronka.

Insiguro y’ubwo bukene ngo n’uko imisore itari mike yisumamwo mu buzi bubayabaye, harimwo no kwunguruza abantu ku makinga ya taxi velo. Jeanne Nduwimana umukuru wa zone Rubirizi avuga k’ubundi buryo bwo kwisumamwo ari uguca ingero mu mirima y’imiceri. Ukutipfuza gucira inkoni ngufi uwashimye, gutera impari mu miryango.

Ab’iwabo w’umwigeme bamubuza kugenda kwubaka urwiwe uburyo budatanzwe. Umwumvikano muke mu muryango w’umwigeme utuma yishora ku musore bashimanye. Henriette Ntamarerero avuga k’uwo mwigeme abiterwa n’uko uwo mwumvikano muke wamubereye intambamyi.

Amaronko ari mu zindi mvo zituma umwigeme acikira. Aho ni nko mu gihe c’isarura ry’umuceri, nk’uko umukuru wa zone Rubirizi Jeanne Nduwimana abisigura. Umuyabaga Divine Mpawenimana atubwira ko ibitutsi vya mu ka Se bituma umwigeme yijana ku mugabo. Mu majambo akurikira, Ezechiel Miburo arongoye umutumba wa Nyabunyegeri avuga kw’impanuro zitangwa zama zahonyanzwe:

“ …iyo twumvise amatati ajanye n’ivyo tudasiba gusemerera tuti yemwe bana b’abigeme nti hagire umuhungu asubira kubahenda ngo mugire ya mariyaje kajoro, twamara akanya tukaza twumva ngo umwana wa naka yaroye mu nzu kwa naka.’’

Inkurikizi ku rugo rw’abubatse batanditswe muri komine Mutimbuzi ziribonekeza. Kubwa Jeanne Nduwimana atwara Zone Rubirizi, imigenderanire mibi ni kimwe mu bimenyetso vyerekana izo nkurikizi. Ikindi naco ngo n’uko umukobwa amaze gushika mu nzu adasonerwa. Ezechiel Miburo avuga ko ubumaraya ari rimwe mu majambo uwo mwigeme atukwa n’umugabo wiwe. Icibagiwe n’ukuborezwa igufa kw’abigeme bama bakubitswe, nk’uko Henriette Ntamarerero avyemeza.

Ku bwa Ezechiel Miburo umukuru w’umutumba wa Nyabunyegeri, ingo zirasambuka inyuma y’amezi make, kuko umuhungu yirukana umwigeme amubwira ko ataho aja kwitwara. Henriette Ntamarerero ahanura abigeme kwumvira abavyeyi, bakibagira inyifato y’ukwubaka bidaciye mu mategeko

“Ico nohanura abakobwa n’uko twoguma ngaho, namba twasezeraniwe y’uko tuzokwubaka rukristu, dukwiye kurindira, igihe kigeze tukazokwubaka neza nk’uko abavyeyi bacu babigize’’

Zacharie Nibigira umusore w’imyaka 16 avuga ko abajejwe intwaro muri komine Mutimbuzi bakwiye gufata ingingo zihana ababana batanditswe muri komine.

XS
SM
MD
LG