Uko wahagera

Intambara Hagati ya FNL na Reta y’Uburundi


Mu ntambara zibandanya hagati y'abagwanyi b'umuhari Palipehutu-FNL n'abasoda b'igihugu, abantu indwi barishwe. Ingwano yo ku musi wa mbere kw’igenekerezo rya 21 ukwezi kwa kane, yabereye i Gihanga ku birometero bitandatu uva ku mugwa mukuru Bujumbura, ihitana umusirikare w'igihugu umwe, n'abagwanyi ba Rwasa Agathon. Iyi nkuru itangwa na Riyetena koroneri Adolphe Manirakiza avugira igisoda c'Uburundi.

Abajejwe intwaro mu karere ka Gihanga mu ntara ya Bubanza bamenyesheje ko abanyagihugu babiri, umwa umwe, n'umuntu arima umuceri bahitwanywe n'izo ntambara. Riyetena Koloneli Adolphe Manirakiza avugira igisirikare c'Uburundi, aremeza ko intambara zakomeye k’uburyo abasoda b'igihugu bakoresheje inkoho zikomeye n'indege, mur'ako karere ko mu micungararo y’ikibuga c'indege ca Bujumbura.

Indege y'Ababirigi Brussells Air Lines yategerezwa kugwa i Bujumbura ku musi w’Imana yarashibije urugendo rwayo kubera imvo z'umutekano. Abarongoye iyo kompanyi bisiguye bavuga ko barindiriye kuraba ingene umutekano uzoba wifashe mu misi iza. Hari n’intumwa za ONU zari zitezwe ku musi w'Imana, nazo nyene ntizabaye zigishika i Bujumbura.

Mu Burundi, amashirahamwe y'abagiraneza na bamwe mu bakozi bo mu biro vy'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi basa n'abariko baritegurira kuva mu gihugu. Intonde z'ingene bazogenda ngo zaramaze gutegurwa, nk'uko vyemezwa n'abahegereye batashimye ko amazina yabo amenyekana.

Intambara zasubiriye kwaduka hagati ya reta n’umuhari Palipehutu-FNL ku musi wa gatanu igenekerezo rya 18 mu kwezi kwa kane, inyuma y'amasezerano y'amahoro amaze hafi imyaka ibiri.

XS
SM
MD
LG