Uko wahagera

Ibiro BINUB n'Umugambi w'Ibiganiro mu Burundi


Ibiro vy'uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi bifadikanije na reta y'Uburundi vyatanguje ibikorwa vyo gufasha abarundi gushinga urwego rwobafasha kwama bashira imbere ibiganiro.

Iyo nama y’imisi itatu ifise intumbero yo gutuma abarundi bavavanura n'ivyiyumviro vyo kwama batorera umuti amatati biciye mu ntambara, yuguruwe n’umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe na Yussef Muhamud aserukira umuyobozi mukuru wa ONU mu Burundi, Ban-Ki- Moon, mw'ihoteri Novotel i Bujumbura.

Abahoze batwara Uburundi, Pierre Buyoya, Jean Baptiste Bagaza, Sylvestre Ntibantunganya, na Domitien Ndayizeye bari bitavye iyo nama yashimikiye ku civugo nyamukuru "Ibigiye Inama bigira Imana".

Mw'ijambo Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza yashikirije, yibukije ko kuganira ari ikintu gikomeye cane. Umushingantahe Sylvestre Ntibantunganya yabwiye Ijwi rya Amerika ko ata cizere kinini afise mu bikorwa vy'iyo nama, ngo kuko abarundi baganiriye kenshi cane, ariko nti vyabujije ko intambara ziba.

Muri kahise abarundi bagiye bararangwa n'amacakubiri afatiye ku moko canke ku ntara. Intambara zaradutse zimara imyaka irenga cumi, ariko gushika n’ubu umuhari Palipehutu FNL na reta biracari mu biganiro abarundi biteze ko arivyo bizovamwo amahoro arama.

XS
SM
MD
LG