Uko wahagera

Imyiyerekano mu Burundi y'Abashigikiye Hussein Radjabu


Inyuma y'imyiyerekano y'abashigikiye Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD mu Burundi, abantu cumi barimwo Sebatien Ntahuga yigeze kuba umuhanuzi mu biro kwa Perezida Buyoya barafashwe n'igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo myiyerekano yabaye kw’igenekerezo rya 15 ry’uku kwezi kwa kane, yarimwo abashingamateka, abakenguzamateka, hamwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bashigikiye Hussein Radjabu. Abagize iyo myiyerekano, batanguye kuja imbere y'inyubakwa abajejwe ubutungane mu Burundi bakoreramwo, aho basanze abaporisi benshi babarindiriye, baca barabirukana. Baciye baja imbere y'ibiro mpuzamakungu vy'uwuhagarariye agateka ka zina muntu mu Burundi, hanyuma basozerera imyiyerekano ku nyubakwa ya Hussein Radjabu. Aho niho abaporisi baciye bafata abantu cumi, bagwiriyemwo abagore bo mw'idini rya Islamu.

Abari mu myiyerekano bari bambaye impuzu z'irangi risa n'icatsi kibisi. Umushingamateka Deo Nshimirimana, umwe mu bari mur’iyo myiyerekano, yabariye Ijwi rya Amerika ko bariko biyamiriza imyaka cumi n'itatu y’ umunyororo Sentare Nkuru y'igihugu yaciriye Hussein Rdajabu. Umushingamateka Deo Nshimirimana yavuze kandi ko mur’iyo myiyerekano basaba amakungu ngo akurikiranire hafi ibiriko biraba mu Burundi, cane cane mu vyerekeye ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu n'inyuruzwa ry'amatungo ya reta.

Imyiyerekano nk'iyo yabaye kandi mu ntara ya Muyinga, aho Hussein Radjabu avuka. Abashigikiye Hussein Radjabu baherutse gufata ingingo yo kwambara impuzu z'irangi risa n'icatsi kibisi, imisi yose ku wa gatanu, kugeza imyaka cumi n'itatu ihere, kugira bifatanye na Hussein Radjabu apfungiwe mu Mpimba. Mu bisanzwe, abanyororo mu Burundi bambara impuzu zisa n'icatsi kibisi. _______________________________________________________

XS
SM
MD
LG